IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Busoni: Abanyagihugu basaba Leta kutica amatwi ku kibazo ca Nzogera (...)

Busoni: Abanyagihugu basaba Leta kutica amatwi ku kibazo ca Nzogera Yozefu

lundi 12 Myandagaro 2013

N’aho barimye, uyu mwaka ntibiteze gusarurura nk’abandi banyagihugu bo mu mazone atandukanye agize komine ya Busoni, kuva aho imbonerakure zihurikiye mu mugambwe CNDD-FDD zo muri zone ya Gatare muri iyo komine nyene, zitegetswe na musitanteri Kabihogo Lewokadiya zirukaniye inka z’umutama Nzogera Yozefu zari mw’itongo ryiwe riri i Rwintonga aho nyene muri zone ya Gatare.

Leta ishaka kumutwara aho bari baragujije nayo inyuma y’urwimo rwo mu 1993

Inyuma y’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior, Leta yasavye umushingantahe Nzogera Yozefu ko yotanga itongo riri mu Rusarasi ry’amahegitari 8, iryo naryo rigashobora kubamwo abari bateshejwe izabo bo mu misozi itandukanye ya komine Busoni. Muri ico gihe, Leta nayo yaca imuha ahangana n’aho nyene gushirako n’umuzibukiro. Uyo mutama yaciye ahabwa ahitwa i Rwintonga, aharonka amahegitare umunani yari yahaye Leta gushirako ayandi ane y’umuzibukiro, ni ukuvuga ko yaciye aharonka amahegitari icumi n’abiri (12ha), bisigura ko Leta yari imusubije itongo ry’umuryango yayihaye. Haciye igihe yarasavye Leta, abicishije k’umushikiranganji w’amatongo n’ibidukikije, araheza amusaba ko yomuha itongo yoranguriramwo imigambi yiwe y’iterambere, hari mu mwaka w’2001, ico gihe akaba yahawe amahegitari 8.

Ico kibazo ubu kirazwi n’abategetsi batandukanye

Amatati yatanguye kuva mu mwaka w’2009, aho naho Leta ikaba yashaka haba aho Nzogera yagujije nayo haba ndetse n’aho yasavye umushikiranganji w’amatongo ariwe Jean Pacifique. Mu kwezi kwa Munyonyo mu mwaka w’2011, izonka zaragirijwe ko zari mw’ishamba cimeza rya Murehe, ziraheza zegeranirizwa ku kibuga c’umupira ca Bishisha zirihishwa ihadabu y’amafaranga ibihumbi amajana atandatu (600.000), amafaranga yarihiwe muri INTERBANK, atorwa na Musitanteri Kabihogo Lewokadiya igenekerezo rya 22 Munyonyo 2011, ku gakarata inomero 00273882, ndetse musitanteri aravyemeza ko iyo hadabu yayimuciye koko, naho mu mategeko mpanavyaha mu ngingo ya y’620 agace ka gatatu, bivurwa ko musitanteri adashobora kurenza ihadabu y’amafaranga 5.000.

Ico kibazo kirazwi n’abatari bake ndetse n’abategetsi batandukanye bo hejuru boba bakizi. Bivurwa ko hariho n’abamwe mu bashingamateka boba bariko barakurikirana ico kibazo c’uyo mutama na Leta, co kimwe n’imirwi itandukanye yubahiriza agateka ka zina muntu.

Musitanteri Kabihogo yaravye irarirari ingingo ya sentare isubiramwo imanza ya Ngozi.

Itabwa inyuma y’uruhongore izo nka mu gihe sentare isubiramwo imanza yo mu ntara ya Ngozi, ni ingingo yafashwe na musitanteri Kabihogo Lewokadiya, naho sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Ngozi yari yafashe ingingo ku rubanza RC No 217, yo guhagarika haba amahadabu acibwa uyo munyagihugu Nzogera, haba ndetse n’iburabuzwa rigirirwa ibitungwa vyiwe hakaba hari kw’4 Kigarama umwaka w’2012, biterwako umukono na Lewonidasi Gahungu, icedgera c’umukuru wa sentare nkuru isubiramwoimanza ya Ngozi. Ndetse aca agirako asaba ko izonka zosubira aho zari zisanzwe ziba, haraheze imyaka 16. Ivyo rero bigatangaza uyo munyagihugu ingene Musitanteri yofata ingingo kandi urubanza ruri muri sentare.

Imbonerakure za CNDD-FDD nizo zoba zatemeye hasi ibitoke vya Nzogera

Lewokadiya Kabihogo avuga ko izo ngingo zafashwe n’inama mpanuzwajambo ya komine Busoni, mu ntumbero yo gukingira ishamba cimeza rya Murehe, ndetse n’iryo tongo ry’uwo munyagihugu rikaba riri mw’ishamba cimeza nk’uko musitanteri yabitubwiye, hakaba harashinzwe n’ibikuta nk’uko twavyiboneye. Musitanteri avuga ko Nzogera yokwemera akava muri iryo tongo mu gihe Leta ihafitiye umugambi. Ukuva muri iryo tongo rero vyakoreshejwe inguvu zidasanzwe, mu gihe ibiterwa vyiwe harimwo ibitoke biri kw’ihegitari zine vyatemwe n’imbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD nk’uko vyavuzwe n’abanyagihugu b’i Bishisha, twahuriye muri iryo tongo barengana. Bavuga ko ari agatangaza aho abantu bubahuka bagatema itongo ry’ibitoke ringana ukuraho, mu gihe bazi neza aho inzara ihora ibashikana muri iyo komine. Batubwiye muri iri jambo ngo: « Abanyabusoni twibagira kare ».

Ico kibazo ngo carananiye Kabihogo Lewokadiya nk’uko bivurwa n’abanyagihugu

Abanyagihugu bo mu Rusarasi ahageze izo nka ziyerera, nko kubirometero umunani vy’aho zahora, ubu ziratema zigatongora imirima y’abanyagihugu. Ntizigira abungere kuva kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro, aho abo bungere bakuriwe ahari iryo raro n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, zikazijana ku biro vya komine Busoni. Abo bungere ubu baciye bazita, abanyagihugu bakaba aribo bariko bararwa mu mporero, bo banyenimirima.

N’agahinda kenshi, abo banyagihugu batubwiye ko batakigira ayo bacira n’ayo bamira. Basaba Leta ko ico kibazo cotorerwa umuti mu maguru masha, kuko bo bagiriza musitanteri ko ico kibazo camuniye gutorera inyishu. Baremeza ko bagiye kwicwa n’inzara bihweje uko ibijumbu, imyumbati, ibitoke n’ibindi izo nka zirya zikuzako. Igisigaye ni ukumenya ivyononekaye uwo bizobazwa, haba inka za Nzogera Yozefu ziyerera mu mitumba itandukanye ya Komine Busoni, ubu avuga ko atizeye ko igitigiri cazo kigikwiriye mu gihe zashika hafi inka 150, akaba atagikama inka n’imwe, atakironka n’amase yo gutabira amatongo yiwe, eka kandi haba imirima y’abanyagihugu bo ku mitumba ya Rusarasi na Mugobe igeze aho umwansi ashaka.

Musitanteri Kabihogo Lewokadiya asaba abanyagihugu kwihangana n’aho izo nka ziri mu mirima yabo, ndetse akabasaba no kuza barazijana ahatari imirima. Ikindi asaba Nzogera Yozefu ko yogaruka mu Rusarasi kugira akure inka ziwe mu mirima y’abanyagihugu. Uyo nawe akaba arwarije umutambukanyi wiwe mu gisagara ca Bujumbura. Kandi akavuga ko atagira aho ashira ubwo busho bwiwe mu gihe itongo ry’umuryango yarihaye Leta, iryo Leta bagujije naryo ikaba yarimukuyemwo ku nguvu, naho sentare yasemereye ko vyohagarara ivyo guta mw’ibarabara izo nka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.