IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Abasuma biba ijoro bahagurukiwe

Buterere : Abasuma biba ijoro bahagurukiwe

vendredi 28 Munyonyo 2014

Mu gucungera umutekano muri komine ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura, abasirikare bafatanije n’abaporisi baragendura mw’ijoro, gutyo abasuma canke abandi bagizi ba nabi bakabura aho bamenera.

Ivyo bivugwa na Pauline Ruratotoye avuga ko umutekano muri iyo komine arongoye wifashe neza, kiretse ko hari uturwi tw’abasuma twiba mw’ijoro dukoresheje inkoho, co kimwe n’abasuma biba mw’ijoro. Ariko rero musitanteri w’iyo komine akavuga ko ivyo vyama vyashitse cane cane iyo hegereje impera z’umwaka. Musitanteri Ruratotoye akavuga ko yatangajwe n’urupfu rw’umukenyezi yatowe inyuma y’umunsi wose yishwe. Avuga ko yibaza y’uko abakoze iryo shano babanje kumunyuruza, aho umuryango w’uwo mugore yishwe wamuherutse agiye inyuma y’umuhingamo.

Inama y’umutekano rero na cane cane y’ugukingira abanyagihugu ubugizi bwa nabi ikaba yaciye ibera mu Kiyange, iyo nayo amarondo yo kwicungerera umutekano akaba yaciye yemezwa gukomezwa n’abasirikare hamwe n’abaporisi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.