IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Musitanteri yoba yahunze ikomine arongoye

Buterere : Musitanteri yoba yahunze ikomine arongoye

mardi 12 Rusama 2015

Mu myiyerekano iriko ibera muri komine ya Buterere, umuduga wa musitanteri w’iyo komine waturiwe, umuntu umwe nawe yishwe n’abaporisi, abanyagihugu bakemeza ko yaciye anyuruzwa, kandi bakeneye ikiziga ciwe.

Muri iyo myiyerekano, umuntu umwe yapfuye, abantu bane bakomeretse, muri abo hakaba harimwo umuporisikazi. Abanyagihugu bavuga ko bashaka ikiziga c’umuntu wabo, kuko bavuga ko yaciye ajanwa ahantu hataramenyekana. Musitanteri wa komine ya Buterere Pauline Ruratotoye yamaze gukura meza, aamakuru dukura ku Buterere akavuga ko inzu yiwe icungerewe n’abasoda, kugira ntihave iturirwa.

muri iyo komine imyiyerekano yabaye kuri uyu wa 12 Rusama, hakaba hanaturiwe n’ingoro y’umugambwe CNDD FDD, abari mu myiyerekano bakavuga ko hatowe muri iyo ngoro inkoho yo mu bwoko bwa mugobore na zimwe mu mpuzu n’inkofero z’igisoda. Abanyagihugu bo muri iyo komine bari baranse kugira imyiyerekano, ariko mu nyuma bakaba bavuga ko basotowe na Kazungu akorera urwego rw’igendereza, aho yagiye gutora umunyagihugu, amubesheye ko atunze grenade.


Aristide Nizigire

Messages

  • Murakoze kuguma mudushikiriza amakuru kumwanya kumwanya kuko ruguru ntaradiyo ibitumenyesha none nkuwo mu policikazi aziziki MANA fasha bihere ningoga

  • IGIKOBA CIKWEGERA AMAKARA NONE ABATEKANYE NTIBOBAREKA CANKE BIBAZA INGWANO NIRWO RUKIZA RWABO NUWUPFUYE BAMUJANAHEE AMAKUNGU ABIBONERA MUKIRERE NTIKINYEGEZWA.POLICE KUMUNSI WANYUMA IZOKURA TENU.gucana ntibigoye hagoye kuzimya.police ibuka bakudemobirije uzojahe?ubwo simubanyagihugu?

  • musitantere nakome kuko yakorana nimbonerakure hama turasaba ikiziga kiboneke azohambanwe iteka kuko uyo nincungu ya democratie kandi ivyo mugira mwabapolice nimbonerakuri hasigaye igihe gito mubona muzojahe kandi twarababonye mukwica abarundi benewanyu aho ntimwova inyuma ya adolphe uwowe asigaje igihe gito mwibuke kwagendana zandome 4 irimukumwica ipima 100 volte.

  • Mwa batutsi mwe reka kucana umuriro ubu abahutu barazi kurasa si nko hambere benewanyu bari mu rwanda intete zirabarembejr natwe niko twari tubayeho ku ntwaro zanyu mwihangane muteke kudukora mu nkomvu zo kuntwaro ziheze .hasigaye gato

  • BARAGOWE ATIHAYE UBUKI TURI MUNYUMA NATWE NIYOMOKE YEMERA YANKA NTABUHUNGIRO YANEYE AHO ATEMA

  • Ariko Umuntu Umwe Yotuma Igihugu Kija Muntambara!Nibagire Ibiganiro Hama Bagire Ico Bapfunditse

  • jewe nibaza ko mugwaye abatutsi murabobantu bose wabonye ko ari abatutsi reka ntebe ntwenge mbe basha ko mutegerezwa kubona.

  • wewe wiyise ancien c.hutu ,ur’imbwa abahutu icociyumviro cawe ntitugisangiye ntiwanagwanye ur’imbwa wewe ucifuza intambara teshwa ute intambara ihitanira bose nubu woraba mubamaze gupfa baracanze,ntabwoko ufise kiretse ubw’imbwa nizo zigenda ziraryana

  • wewe wiyita ancien combattant hutu uriko urihenda cane ingorane ziri muburundi sizaABHUTU,ABATUTSI canke ABATWA wewe biraboneka kukiri mwishamba kuko dufise ingore z’irimugihugu cose kandi zumurundi wese aharanira agateka kazina murundi wese mugihugu kuva umuhutu atwaye harabandi bapfuye kubwinshi wakijuju naje ndumuhutu kandi nkeneye kumwiyamiriza kuko yarasubije inyuma cane igihugu cacu sha na mporona yaromotse na ccd-fdd igira yomoke ubutakigaruka!!!1
    wakijuju we!!!

  • ancien combattant,hasigay gato ukagiriki?burya mwana wa mama naho wobica ntuzobamara uzokwama ubabona.ivyiyumviro nkivyo vyaraboze.urakwiye kubona aho uburundi bugeze ubu abanyagihugu ntibakirabo guhenda uko mwishakiye.

  • Umuntumwe niwatuma inkumbi zamazaguye mugihugu mbehoho arazikweri kwava amaraso nkabarikobarapfa kubwiwe aho yashesheye Amaraso ntararuha mbehoho araziko Icogihugu Arwanira aric’Imana ngoyishimira Adolphe amenyeko ba Adolphe aribenshi kandi bamurwanya bariko baraza.ndavuga simvura intabarirwa ibwirwa arukw’amaso atukuriye!!!!!

  • Ni vya bi fnl vya rwasa muzovyisura ivyo muriko muragira!

  • iyo umuntu bimuburiye avuga ibitarivyo......mu Burundi nta bwoko bukiriho, hari bansumirinda aribo bariko baritwaza ubwoko......Urazi abahutu ubu butegetsi bwishe ukuntu bangana? Ubu rero barasubiye kubitwaza babamariye mu rusizi noneho nibareke kubesha ni abarundi bose biyamirije ihonyarwa ry’amategeko.

  • emma jewe ndiyamirije ihirikwa ryubutegetsi buciye mumigumuko abarundi twari dukwiye kwibuka aho twavuye intambara kuyitangura biroroshe ariko kuyitsinda biragoye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.