Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Buterere : Uruzi Kinyankonge rurateye amakenga abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Buterere : Uruzi Kinyankonge rurateye amakenga abanyagihugu

Buterere : Uruzi Kinyankonge rurateye amakenga abanyagihugu

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Abanyagihugu bo muri komine ya Buterere basaba ko hoba ibikorwa vy’uruzi Kinyankonge, nk’uko uruzi rwa Gasenyi ruherutse gukorwa, rugakingirwa kugira ntirusubire kwiha inkumbi.

Ivyo abo banyagihugu bo muri komine ya Buterere bakabivuga baravye ukwo imvura yaguye mu kwezi kwa Ruhuhuma yahitanye ibintu bitandukanye muri iyo komine. Amazu agera ku 2800 niyo yahuye n’isanganya y’imvura, ayagera ku 1500 akaba ariyo yasinzikaye cane, arabomoka gushika rwe hasi, inyuma yaho uruzi Kinyankonge ruhuye n’uruzi rwa Gasenyi, nayo abantu ibihumbi 12 basigaye iheruheru kubera iyo mvura.

Mu gihe caheze, urwo ruzi rwa Kinyankonge rwari rusanzwe rukurikiranwa n’ishirahamwe ririma umuceri SRDI. Ariko imyaka 20 ikaba iheze ibikorwa vy’iryo shirahamwe bigoyagoya, ku buryo urwo ruzi narwo ubu rwoba rwuzuyemwo ivyondo, hakaba hakenewe uburyo kugira babanze bakuremwo ivyo vyondo, kugira rushobore gutunganywa neza.

Musitanteri wa komine ya Buterere umupfasoni Polina Ruratotoye saba Reta gutunganya neza inzira y’urwo ruzi, mu ntumbero yo gukingira amasanganya abanyagihugu arongoye. Avuga ko urwo ruzi narwo rwokorwa nk’uko uruzi rwa Gasenyi ruherutse guhabwa inzira. Uyo mupfasoni amenyesha ko hamwe ibintu bitokorwa mu maguru masha, atakibuza n’ubundi amazi y’urwo ruzi ashobora kuziha inkumbi, kuko amazi yose ava mu ruzi Gasenyi hamwe n’ayandi ava mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura, yose yisesa muri urwo ruzi rwa Kinyankonge.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.