Accueil > Amakuru > umutekano > Buyenzi : Umwe yaritavye Imana uwundi arakomereka mu gitero c’abitwaje (...)
Buyenzi : Umwe yaritavye Imana uwundi arakomereka mu gitero c’abitwaje ibirwanisho
jeudi 30 Mukakaro 2015
Umuntu umwe yarishwe uwundi arakomereka, mu gitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho muri komine ya Buyenzi,mu gisagara ca Bujumbura,mw ‘ijoro ryo kuwa gatatu buca ari kuwa kane kw’ igenekerezo rya 30 Mukakaro 2015.
Uwo yaraye yishwe ni umukenyezi yari asanzwe aba aho mu Buyenzi,kw’ibarabara rya 16 inomero 24.Umugabo wiwe ari nawe yakomerekejwe yavuze ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro.
Inyuma y’uko barasa umukenyezi,abo bagizi ba nabi bagiye basahuye amafaranga 7000 vy’amadorare y’abanyamerika,ibihumbi 30 vy’amafaranga y’amanyarwanda,hamwe na telefone ngendanwa.
Umushingantahe yarokotse yavuze ko muri abo bateye harimwo uwambaye impuzu z’igipolisi c’igihugu.
Mwomenya ko haheze iminsi idashika indwi ikindi gitero kibaye mu bunwero le Vacancier buri muri quartier ya Mutanga Nord,komine Gihosha,mu gisagara ca Bujumbura.
Van Naris Mugisha
Messages
30 Mukakaro 2015, 14:23, par Avec
Ubwambere ndahojeje umuryango wavuze, ariko kw’Isi yakizogihe kubika amafranga anganagurtyo munzu kubarukwijwegera urupfu 97% !!!!!!!!!
30 Mukakaro 2015, 18:02, par Itangishaka Ménélick
Turahojeje Umuryango Wabuze Nibihangane Hama Amatohoza Nabe Ukuri Kuj’ahabona,arik Ivyo Mu Burundi Vyo Birarenze,mana Akir’iyo Nzirakarengane.@
1er Myandagaro 2015, 06:34, par Kwizera Abdul Jabar
Allah Abandanye Guhoza No Kuremesha Abari Muvyago Nkivyo.Ahe Nabo Bononyi Kumumenya Kugira Ntibazongere.Nyamara Jahanam Irarindiriye Benabo.
2 Myandagaro 2015, 13:15, par NTISHIRUMUNOHO
ASHA WE AZOGUMATWARA PE.
2 Myandagaro 2015, 14:01, par 1000 Us dollar
Ubwambere nikosa rikomeye kubiska amahera anganuko munzu icakabiri ayo mahera atwawe nabantu bahafi yiwe bari bazi ko mufise amahera munzu kwirikirana neza abagenzi bawe neza kuko bavuga bati KiKuraco kiko nguoni mwako so
2 Myandagaro 2015, 17:15, par KOBOLE
None wewe yasesa amaraso y’abandi aziko ayiwe atoseseka,bisabako nubwo intwaro yoba ari gwanyu wokwitwara neza mu bantu kuko ntawigira igihangange ari kw’isi.
2 Myandagaro 2015, 23:20, par KANA PIERRE
None mubona adorof yashitsey ? reka naw harya yahora ashira bandi yunve ko biryoshe ereg ico upimishij naw ni co uzopimishirzw sw narohu nabandi barinyuma
2 Myandagaro 2015, 23:28, par KANA PIERRE
AHUBWO KUBONA ADOROF ATARI BWAPF VYARI BIBABAJ NNE KO APFUY NGIRA ABARUNDI TUZAKURONKA AGAHERW NTAKUND RASI UMUGABO APFANA IMIGAMBI