IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buyenzi : Umwe yaritavye Imana uwundi arakomereka mu gitero c’abitwaje (...)

Buyenzi : Umwe yaritavye Imana uwundi arakomereka mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

jeudi 30 Mukakaro 2015

Umuntu umwe yarishwe uwundi arakomereka, mu gitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho muri komine ya Buyenzi,mu gisagara ca Bujumbura,mw ‘ijoro ryo kuwa gatatu buca ari kuwa kane kw’ igenekerezo rya 30 Mukakaro 2015.

Uwo yaraye yishwe ni umukenyezi yari asanzwe aba aho mu Buyenzi,kw’ibarabara rya 16 inomero 24.Umugabo wiwe ari nawe yakomerekejwe yavuze ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro.

Inyuma y’uko barasa umukenyezi,abo bagizi ba nabi bagiye basahuye amafaranga 7000 vy’amadorare y’abanyamerika,ibihumbi 30 vy’amafaranga y’amanyarwanda,hamwe na telefone ngendanwa.

Umushingantahe yarokotse yavuze ko muri abo bateye harimwo uwambaye impuzu z’igipolisi c’igihugu.

Mwomenya ko haheze iminsi idashika indwi ikindi gitero kibaye mu bunwero le Vacancier buri muri quartier ya Mutanga Nord,komine Gihosha,mu gisagara ca Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.