Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bwiza :Umugambi wo gukora amabarabara ugeze ku ntambwe nziza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Bwiza :Umugambi wo gukora amabarabara ugeze ku ntambwe nziza

Bwiza :Umugambi wo gukora amabarabara ugeze ku ntambwe nziza

vendredi 19 Mukakaro 2013

Muri komine Bwiza iri mu gisagara ca Bujumbura, amabarabara amwe amwe ntakoze neza ivyo bigatuma mu gihe c’imvura ibinogo binini vyuzura amazi menshi kandi mabi.

Ivyo binogo eka n’amazi, biratera ingorane imiduga co kimwe n’abantu bahaca. Mu gihe c’ici naho, umukungugu ni mwinshi, igicurane kigaca gifata abantu baba muri iyo komine. Amakuru y’ukwizera ava mu bategetsi b’aho mu Bwiza avuga ko mu minsi iza ayo mabarabara agiye gukorwa. Musitanteri wa komine Bwiza avuga ko amabarabara asigaye gukorwa muri iyo komine, ko ariyo yitwararitswe cane kuruta ayandi. Ayo nayo akaba ari nk’ibarabara rya mbere, irya gatatu hamwe n’amabarabara yose aca mu hagati muri karatiye ya gatatu.

Ku bijanye n’ugukora ayo mabarabara, Esperanse Ngerageze musitanteri wa komine Bwiza, avuga ko umugambi wo gukora ayo mabarabara uriko ugenda neza. Avuga ko ingorane yibonekeje gusa ku bijanye n’isoko yari guhabwa abari gukora ayo mabarabara. Abandanya avuga ko abahinga bo mu mugambi w’ababirigi wo gufashanya CTB bahejeje kugira ivyirwa. Ngerageze avuga ko uretse imfashanyo ya PTPRC , abanyagihugu ba komine Bwiza nabo nyene basabwa gutanga intererano mu gihe c’umugambi wa mbere w’ugukora amabarabara yo mu makaratiye ya mbere n’ayakabiri, harimwo n’ayari hafi y’isoko ya Jabe. Ikibanza cose catanze amafaranga ibihumbi 56.

Musitanteri wa komine Bwiza aheraheza avuga ko umugambi wa kabiri wo gukora amabarabara aca muri karatiye ya gatatu co kimwe n’ibarabara rya mbere n’irya gatatu ko abanyagihugu ataco bazotanga mu mafaranga, umugambi CTB akaba ariwo uzobikora wonyene.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.