IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Umuntu umwe yiciwe mu bunywero bwiwe

Bwiza : Umuntu umwe yiciwe mu bunywero bwiwe

lundi 9 Rusama 2016, par egide

Umuntu umwe yishwe, abandi batanu barakomereka, bivuye kuri gerenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, muri zone Bwiza, komine Mukaza, igisagara ca Bujumbura.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko iyo gerenade yatewe mu Bwiza kw’ibarabara rya 6 nomero 21, ku bunywero bw’uwitwa NDUWIMANA Leonard, ari nawe yahasize ubuzima.

Abandi bantu umunani barakomerekejwe n’iyo gerenade.


IGIHE

Messages

  • NONE ABOBANTU BATABONAKO MUBUBAR HABAVYE NTIBOZABARAZINWERA MUMIHANA IWABO

  • Neno Abantubapfa Bazobazwande?Abadutwara Ntaco Badufashije,abaja Mukabar Ntimubonako Habavye Abatr Amagrenad Gezah.

  • Neno Abantubapfa Bazobazwande?Abadutwara Ntaco Badufashije,abaja Mukabar Ntimubonako Habavye Abatr Amagrenad Gezah.

  • UBWO BUBARE NTIMWOBUHEBA?!

  • ncanibuka kahise ka efunere nasenidede nibobirirwa bariha inkumbi mwiyomyaka yaheze. uburundi bwandika amateka mabi nkasomaria. ntibibereyeko uburundi bwihaya ngobwarungitse ingabo mubindi bihugu kuzana amahoro. uburundubwabwo burakeneye amahoro. gusa ndatahurako amahoro atazanwa nabantu. gusa birababajep. Imana Ahizozira Izosanga Intungane Mubundi? Sof Twebwe Abakirisu Bukuri. Kwisubirako Kumuntu Mubi Kuzomutera Kubonwa Neza Nimana. Ndavuga Simvura Nimpanuro

  • Abakora ubwobukozi bwikibi bashaka kwereka amahanga yuko bashinze imigwi igwanya ubutegetsi.Umaze kwica umuntu ariko yivuna akanyota,woca ugenda ukavuga ngo uriko gomba gukurako abarundi intwaro mbi barimwo.Burya harico batazi ibiriko biba abarundi barabibona vyose canke amahanga.umusi ivyabo biroza ahabona harya binyegeje bazovayo ugira barosazira mu buhungiro?

  • NONE GA BARUNDI KARASHIZINGANI ABARUNDI UBUJUJU BUNGANUKU KWOSE? PETER NGO ARIKAGWANYA UBWICANYI BWIYADUKIZA MUBURUNDI MBE,HARAHO MURUNVA HABA UBUBI NKUBWO BWA BURUNDI??? TANZANIYA NUBWOKO BUNGAHE KO ATABICWA NKUKO?AHOHANTU TUHAGABIRE UBUNDI BWO URWEMBE RUMOYE KARORERO NIRWO RUGIYE KUMWA NDASIGAYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.