Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAF yafatiye ibihano Maroc, FIFA nayo yafatiye ibihano ruhasha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAF yafatiye ibihano Maroc, FIFA nayo yafatiye ibihano ruhasha (...)

CAF yafatiye ibihano Maroc, FIFA nayo yafatiye ibihano ruhasha CAF

mardi 17 Ruhuhuma 2015

Ibihano vyafatiwe igihugu ca Maroc canse kwakira inkino za CAN 2015 kubera ubwoba bwa Ebola vyatandukiriye urukino rw’umupira w’amaguru rwo muri Afrika nzima. FIFA yaciye ifatira ibihano ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA ntiryanezerejwe n’ibihano vyafatiwe igihugu ca Maroc inyuma yo kwanka kwakira inkino za CAN 2015 kubera gutinya ikiza ca Ebola muri ico gihugu. Ibihano vyafatiwe Maroc ni ibi bikurikira : Maroc imaze guhakana kwakira izo nkino, CAF yayihagaritse amahiganwa ya CAN y’imyaka y’2015, 2017, na 2019.

FIFA ntiyakiriye neza ivyo bihano

FIFA ivyumvise uko, yaciye ishigikira Maroc ishimangira ko Maroc yanse guhonya abanyagihugu n’abakinyi bayo mu kubazanamwo ikiza c’indwara ya Ebola. Sepp Blatter aramutswa FIFA ati : "Namba Maroc yanse kwakira CAN 2015 n’uko yashatse gukingira abanyagihugu n’abakinyi bayo". Abandanya ati : "Ibihano vyafatiwe Maroc biraremeye, kubuza Intambwe za Atlas kutitaba ayo mahiganwa yose biraremeye. Ko CAF irongowe na Issa Hayatou yafashe iyo ngingo, FIFA ntishobora kuguma inumye".

Sepp Blatter ati : "CAF irongoye inkino z’umupira w’amaguru muri Afrika gusa, FIFA nayo irongoye izo nkino ku rwego rw’isi. Issa Hayatou yafashe izo ngingo ku rwego rwa CAF natwe dufata ingingo ku rwego rw’isi."

Kubw’ivyo FIFA yaciye ifatira ibihano ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF ko ata murwi n’umwe wo muri Afrika uzohonyoza ikirenge mu nkino z’igikombe c’isi yose kizoba mu mwaka w’2018.

Inyuma y’ivyo bihano vya FIFA kuri CAF, ibibanza vyahora bihabwa umugabane wa Afrika mu mupira w’amaguru vyabanganywe n’iyindi migabane. Ivyo bihano vya FIFA vyoba bigamije gusaba ko CAF yakubita inkoni ngufi Maroc. Abenshi bagatangazwa n’ingene FIFA yokwisuka mw’itunganwa n’ingingo z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika.

Amakenga aca yibonekeza n’uko ico kibazo gishobora guca gifatwa nk’ikumirwa, ivangura n’ugushigikirana bifatiye ku rukoba, mu gihe ico gihugu cafatiwe ibihano ari ic’abarabu.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.