Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAF:Yafuse ikarata itukura yahawe umukinyi Pitroipa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAF:Yafuse ikarata itukura yahawe umukinyi Pitroipa

CAF:Yafuse ikarata itukura yahawe umukinyi Pitroipa

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’aho umugwi nserukiragihugu wa Burkina Faso usabiye ko ikarata itukura yahawe umukinyi Jonathan Pitroipa yofutwa, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika rihejeje kuvyemera.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF ryafashe ingingo y’ugufuta ikarata itukura yahawe Jonathan Pitroipa kubera ko umuhagaritsi w’urukino rw’uwo munsi Slim Jdidi yemeye ko yihenze.

“Abantu bose bari babonye ko uwo muhagarikizi atavyifashemwo neza muri urwo rukino. Bambwiye ko yanditse ikete avuga ko yihenze”. Ivyo ni vyo uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika Issa Hayatou yabwiye abamenyeshamakuru bariko barivuna umusase kuri uwu wa gatanu nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru Jeune Afrique.

Issa Hayatou yongeye avuga ati: “Ubu urwego nshingwabikorwa rwa CAF ruca rushikiriza ico kibazo umugwi ubijejwe uno munsi (ku wa gatanu) kugira ngo ufate ingingo.”

Ariko rero, ikinyamakuru malijet.com coco kimenyesha ko ingingo y’ugufuta ikarata itukura umuhagarikizi yahaye Jonathan pitroipa imaze gufatwa na CAF. Ico kinyamakuru kikavuga kandi ko uwo mukinyi azokina urukino rwa nyuma aho umugwi wiwe wa Burkina Faso uzohura n’uwa Nigeria ku munsi w’Imana mu gikombe c’umupira w’amaguru ca Afrika kigira 29.

Ikinyamakuru xalimans.com naco gisigura ko uburongozi bwa CAF bwaravye amasanamu y’urukino imbere y’ugufata ingingo zose zibiri, iy’uguhagarika umuhagarikizi hamwe n’iy’ugufuta ikarata itukura yatanze. Ivyo ngo bigasigura ko mu misi iza amasanamu y’inkino ashobora kuza arasuzumwa imbere y’ugufata ingingo zihambaye nk’uko bamwe bamwe bakurikiranira hafi ivy’umupira w’amaguru bari babisavye.

Mwokwibuka ko ku munota w’117 w’urukino Burkina Faso-Ghana, umuhagarikizi w’umunya Tunisie Slim Jdidi yahaye ikarata itukura Jonathan Pitroipa (inyuma y’aho uwo mukinyi aronkeye ikarata igira kabiri y’ umuhondo) amwagirije ko yitembagaje imbere y’urugo rwa Ghana n’ibigirankana kugira ngo ahende umuhagarikizi.

Umunyamabanga mukuru wa CAF Hicham El Amran akaba yari yavuze ko ingingo yafashwe n’umuhagarikizi mu kibuga idashobora guhindurwa kiretse iyo uwo muhagarikizi yemeye ko yihenze akavyandika mu cegeranyo atanga urukino ruheze.
Umusatirizi wa Burkina Faso Jonathan Pitroipa ni yakina rero urukino rwa nyuma ruzobahuza na Nigéria ku munsi w’Imana, bizoshobora gutuma umugwi wiwe wongereza icizere inyuma y’aho umukinyi wawo akomeye Alain Traoré akomerekeye.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.