Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Californiya : Umwana w’umuhungu yagirizwa kuniga mushikiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Californiya : Umwana w’umuhungu yagirizwa kuniga mushikiwe

Californiya : Umwana w’umuhungu yagirizwa kuniga mushikiwe

lundi 13 Rusama 2013

Igipolisi co muri Leta zunze ubumwe za Amerika carafashe mu mpera z’iyi ndwi twaraya turangije, umwana w’umuhungu yagirizwa kuba ariwe yagandaguye mushikiwe w’imyaka 8 yatowe yanizwe haraciye iminsi 15.

Mu gisagara ca Californiya kiri mu Burengero bwa Leta zunze ubumwe za Amerika niho habereye iryo bara, igipolisi kikaba caciye gitangura amatohoza. Kiramenyesha ko kuva uwo mwana agandaguwe igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013, camaze amasaha ibihumbi bibiri kiriko kirarondera uwoba yaragize ivyo, imbere y’uko gitanga icegeranyo ku muryango wa Leila Fowler nk’uko bimenyeshwa na Shérif Kuntz mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Yemeza ko igipolisi cafashe musaza wa Leila afise imyaka 12 ko ariwe yanize mutoya wiwe, bamaze kugira amatohoza ku buryo budasanzwe.
Igipolisi rero kikababa kivuga ko leila yanizwe na musazawe igihe bari bonyene mu nzu iwabo i Valley Springs.

Kirabandanya kimenyesha ko uyo mwana w’umuhungu amaze kubona abapolisi baje kuraba ibihejeje kuba, yaciye yinyegeza mu kinogo cari mu nzu iwabo, maze igipolisi kigenda kitabonye uwagize ivyo. Abavyeyi ba Leila mu gihe bari kukazi, babimenye kw’iterefone ariko umwana wabo yamaze kwitaba Imana.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.