Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cameroun : Abahuza ibitsina babisangiye barageramiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun : Abahuza ibitsina babisangiye barageramiwe

Cameroun : Abahuza ibitsina babisangiye barageramiwe

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Abahuza ibitsina babisangiye mu gihugu ca Cameroun uretse ko bakubitwa, no kwicwa baricwa, abandi bagata bagahunga bakaja kuba mu gahinga ka nyaga na nde, mu gihe hari n’abandi babura irengero ryabo.

Kuri uyu w’Imana uheze ku mugoroba, abaharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangite LGBT ( Lesbiennes, gays, bisexuels, Trans) bo muri ico gihugu ca Cameroun bakaba basavye ko abo bantu batosubira gukubitwa canke ngo bicwe, igihambaye akaba ari uko baronswa uburenganzira bwo kuba mu miryango yabo, badaturatuzwa nk’uko abo muri ayo mashirahamwe babisavye Reta. Ivyo vyo kwicwa rero Reta ivuga ko itabizi, ariko ko ababica bakwiye gukurikiranwa, bagahanwa bimwe vy’akarorero. Reta ya Cameroun ivuga ko umuntu ari mw’ikosa akurikiranwa n’ubutungane ariko ataba akwiye kwicwa.

Ivyo rero bikaba bivuzwe mu gihe n’ababavugira basigaye batorwa ibiziga. Éric Lembembe akaba yatowe mu gahinga yagandaguwe. Uyo nawe, akaba yari mu mashirahamwe aharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangiye. Ivyo rero bikaba vyarababaje abantu batandukanye b’i Yaounde mu gihugu ca Cameroun, mu gihe bavuga ko uko ari uguhohotera agateka ka zina muntu, abandi nabo bakabona ko abo bantu bakwiye guhabwa ibihano, ariko ntibaheze ngo bicwe. Abo muri ayo mashirahamwe aharanira uburengannzira bw’abahuza ibitsina babisangiye aho muri Cameroun bakaba basaba Reta gukingira mwene abo bantu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ahubwo nibabice ivyo bintazi batay’ubuntu

  • Mwaramutse ibiyo ibujumbura mwongeye gukira imvura.nagira babwire ko abo bantu bahuz’ibitsina kwere reka mvuge ntaravy’imana canke satani muri make jewe mbaciriy’urwo gupfa.mbese jewe nongeyeho.ko boza banarabatwika kugira ntibaze batware nibibanza byabandi bazapfa bapfany’ibanga kuko bohava babura aho bahabwa.nuko cameruni kubita inyegera kubita nabo babavugira bose.kuko bonon’isi.

  • Ahubwo nibafate abo bantu babavugira abe aribo baherako mukwica urumvango ni amashirahamwe abavugira kandi nabonyene atavyo bakora?Babavugira gute kandi nabo badakora iryo shano?Jew ndifatikanije nabo ba turubika ivyo bitabanga ahubwo mu Burundi dusabe nahonyene ntibaze babemerere banyakugwa kugahinga

  • Icaha nk’ico ntawogishigikira kuko n’icaha kibi kandi kibabaza IMANA yacu cokwegera n’isi yacu umuvumo,hatabayeho kucihana kizokwegera iyi si yacu twatijwe akaga gakomeye,murakoze!

  • Abo bagesera bagomba gukwegera isi mukaga mbere iyaba babaturira kuko bateye akamaramaza abonabo babavugira nabonyene bakwiye kwicwa mbere nabi kuko bashigika icaha kibi nkico.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.