Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cameroun : Abapadiri babiri hamwe n’umubikira b’abanyamahanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun : Abapadiri babiri hamwe n’umubikira b’abanyamahanga (...)

Cameroun : Abapadiri babiri hamwe n’umubikira b’abanyamahanga banyurujwe

samedi 5 Ndamukiza 2014

Abapadiri babiri hamwe n’umubikira umwe w’umunyacanada baranyurujwe mu buraruko bw’igihugu ca Cameroun.

Abapadiri babiri hamwe n’umubikira w’umunyacanada baranyurujwe ku munsi wa gatanu, mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho.
Ikigo Ansa kimenyesha ko iryo nyuruzwa ryabereye mu buraruko bw’igihugu ca Cameroun, mu gihe c’isaha munani z’ijoro. Haje imodoka nyinshi, mu nyuma batangura kurasa abanyagihugu, niho mu nyuma bahavuye babanyuruza.

Gushika kuri uwu wa gatandatu, nta n’umwe ariyitirira ico gitero naho abenshi bibaza ko ari abarwanyi ba Boko Haram.
Tubibutse ko haheze amezi atatu gusa uwundi mupatiri w’umufaransa yitwa Georges Vnadenbeusch yari yanyurujwe muri ako karere nyene mu kwezi kwa Myandagaro 2013.
Umwe muri abo bapadiri yanyurujwe kuri uno wa gatanu yari amaze mu gihugu ca Cameroun imyaka itandatu, uwundi nawe akaba yari ahamaze umwaka umwe gusa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.