Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cameroun : Inyuma yo kunegurwa umukuru w’igihugu yikubise agashii - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun : Inyuma yo kunegurwa umukuru w’igihugu yikubise agashii

Cameroun : Inyuma yo kunegurwa umukuru w’igihugu yikubise agashii

jeudi 8 Nzero 2015

Umukuru w’umuhari w’abarwanyi b’intagondwa ba boko haram aragabisha n’iterabwoba rynshi ko bagiye gutera igihugu ca Cameroun.

Mw’isanamu yaciye ku mboneshakure, abo barwanyi ba boko haram bakaba bagabisha umukuru w’igihugu ca Cameroun ko bagiye vuba kumutera, ndetse bakazohagira ibitero bikomeye nk’ivyo bagize mu gihugu ca Nigeria. Abubakar Shekau umukuru w’abarwanyi ba boko haram akaba avugira muri ayo masanamu ko yiteguriye gutera, kandi ko azi neza ko abasirikare ba Paul Biya ko ataco bazomugira. Amajwi y’uwo mukuru w’abarwanyi ba boko haram akaba yashizwe ku buhinga bwa none Youtube, aho amara iminota 17 yose ariko aravuga amajambo y’iterabwoba ku gihugu ca Cameroun.

Mukamenya ko kuri uyu wa 28 Kigarama uheze Paul Biya yatanze itegeko ryo guhasha bimwe bikomeye abo barwanyi, ndetse akaba yanatanze itegeko ryo gusohora indege kugira abo bihevyi baraswe bikomeye. Ivyo uwo mukuru w’igihugu akaba yabikoze inyuma yaho amakungu cane cane ibihugu bibanyi vyiwe hamwe n’Ubufaransa bimuneguriye, ko ataco akora kugira ahashe uwo murwi wigize surivu aho muri Cameroun.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.