Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cameroun : Paul Biya yijeje abo arongoye ko agiye gutuza Boko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Cameroun : Paul Biya yijeje abo arongoye ko agiye gutuza Boko (...)

Cameroun : Paul Biya yijeje abo arongoye ko agiye gutuza Boko Haram

mardi 14 Gitugutu 2014

Inyuma y’aho abari bafashwe mpiri bagera kuri 27 n’umurwi w’intagondwa wa Boko Haram barekuriwe, umukuru w’igihugu ca Cameroun Paul Biya avuga ko agiye gutuza izo ntagondwa.

Ivyo uwo mukuru w’igihugu ca Cameroun akaba yabibariye abanyamakuru igihe bari ku kirimba iwe, hariko hariginwa irekurwa ry’abo bantu 27, harimwo umukeyezi w’icegera c’umukuru w’igihugu, abashinwa 10 hamwe n’abandi bari bamaze igihe bafashwe mpiri n’uwo muhari wegamiye idini rya Islam mu gihugu ca Nigeria. N’umunezero mw’inshi, umukuru w’igihugu ca Cameroun akaba yemereye abanyagihugu gutuza izo ntagondwa zihaye kunyuruza abantu. Avuga ko iyo ari intango, abo arongoye borindira akari inyuma.

Ariko rero bikavugwa ko Paul Biya atigeze avuga uburyo azokoresha kugira atuze izo ntagondwa mu gihe biboneka ko nazo nyene zitareze amaboko, kuko iyo mirwi ifise ibirwanisho n’uburyo bwo kwivuna.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.