Accueil > Amakuru > Mu makungu > Cameroun : Umupatiri w’umufaransa yanyurujwe n’imirwi y’iterabwoba
Cameroun : Umupatiri w’umufaransa yanyurujwe n’imirwi y’iterabwoba
jeudi 14 Munyonyo 2013
Umupatiri ava mu gihugu c’Ubufaransa yitwa Georges Vandenbeusch yanyurujwe mu buraruko bw’igihugu ca Cameroun, nko ku birometero 30 gusa ugomba ushikire urubibe rwa Nigeria. Vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu.
Hari umupatiri w’umufaransa yanyurujwe kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa gatatu rishira iryo ku munsi wa kane igenekerezo rya 14 Munyonyo 2013, nk’uko amakuru ava mu kigo Agence France – Presse abimenyesha. Uwo mupatiri akaba afise imyaka 40 y’amavuka. Yanyururijwe ku birometero hafi 20 uva ku rubibe rwa Nigeria.

- Umupatiri Georges Vandenbeusch yanyurujwe
Uwo mupatiri yari asanzwe ariwe arongoye iyo paruwase, bikavugwa ko abamunyuruje boba ari umurwi w’abanyisiramu wa Boko Haram. Uwo mupatiri yahora arongoye iparuwase bitiriye umweranda Yohani Batisita mu Bufaransa, akaba yayirongoye imyaka icenda aho yaciye aja gukorera mu gihugu ca Cameroun mu kwezi kwa Myandagaro 2011.
Mwomenya ko mu kwezi kwa Ruhuhuma 2013, umuryango w’abafaransa 7 harimwo abana bane wari wanyurujwe kandi n’abarwanyi ba Boko Haram.
Floxella Karire