Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2013: Togo yashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2013: Togo yashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma

CAN 2013: Togo yashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma

jeudi 31 Nzero 2013

Umugwi nserukiragihugu w’igihugu ca Togo wararonse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira ica nyuma inyuma y’urukino rwabahuje n’umugwi nserukiragihugu wa Tunisia,mu rukino rwabaye k’umugoroba wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Nzero 2013.

Nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafrique abivuga,urwo rukino rwa nyuma rwo mu mugwi D rwabaye urukino ruzogira kahise kuko bibaye ku ncuro ya mbere ko umugwi nserukiragihugu wa Togo ushika mu gice ca kane gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imigwi nserukirabihugu yo muri Afrika.

JPEG - 12.3 ko

Uwo mugwi nserukiragihugu wa Togo ukaba washitse muri ico gice inyuma y’aho unganirije n’umugwi wa Tunisia igitsindo kimwe ku kindi.Umugwi wa Togo ukaba ujanye n’umugwi wa Cote d’Ivoire inyuma y’aho nawo unganirije n’umugwi wa Algeria ibitsindo bibiri kuri bibiri.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.