Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2013: Umugwi wa Nigeria waraye utahukanye igikombe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2013: Umugwi wa Nigeria waraye utahukanye igikombe

CAN 2013: Umugwi wa Nigeria waraye utahukanye igikombe

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Umugwi nserukira gihugu wa Nigeria waraye utahukanye igikombe ca CAN 2013 inyuma y’urukino rwa nyuma rwawuhuje n’umugwi nserukira gihugu wa Burkina Faso kuri uno w’Imana igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2013.

Urukino rwatanguye igihe c’isaha zibiri n’iminota cumi ku mugoroba wo kuri uno w’Imana.Imigwi ibiri yose uwa Burkina Faso n’uwa Nigeria yatanguye yerekana ko ikeneye intsinzi.

K’umunota wa 40,umukinyi Mba yatsinze igitsindo mu gice ca kane gishira ica nyuma aho umugwi wa Nigeria wariko urakina n’umugwi wa Cote d’Ivoire,yarashoboye guca mu ryahumye abakinyi b’inyuma b’umugwi wa Burkina Faso aca atsinda igitsindo ca mbere k’umupira umunyezamu Diakite atabonye n’iyo waciye.

Igice ca mbere caheze ibintu bikimeze ukwo ari igitsindo kimwe ca Nigeria k’ubusa bwa Burkina Faso.

Mu gice ca kabiri urukino rwatanguye umugwi wa Nigeria werekana ko ukeneye kugumana intsinzi mu gihe umugwi wa Burkina Faso werekana ko ushaka kugombora igitsindo mbere no kwinjiza igitsindo kigira kabiri ariko bikaba vyarabataye k’uwo amazi kuko umukinyi w’inyuma wa Nigeria Ambrose yari yambaye inimero 5 yavyifashemwo neza cane.

Mu gihe umumenyereza wa Nigeria Stephen Keshi asanzwe ari imvukira yo muri Nigeria nyene yari yavuzweko vyinshi imbere y’uko iryo higanwa ritangura,yaraye yerekanye ko abamenyereza b’abanyafrika nabo nyene bashobora gushikana imigwi kure hashoboka.

Tubibutse ko umugwi nserukiragihugu wa Nigeria utwaye ico gikombe ku ncuro igira gatatu,inyuma y’ico yatwaye mu mwaka w’1980 no mu mwaka w’1994.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.