Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2015: Côte d’Ivoire yiyibukije urukino yaheruka inyuma y’imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2015: Côte d’Ivoire yiyibukije urukino yaheruka inyuma y’imyaka (...)

CAN 2015: Côte d’Ivoire yiyibukije urukino yaheruka inyuma y’imyaka 23

jeudi 5 Ruhuhuma 2015

Umurwi nserukira gihugu wa Côte d’Ivoire uzwi kw’izina rw’inzovu(Eléphants) waraye ushikanye amaguru mu gice ca nyuma c’ihiganwa inyuma yo kwirahira Ingwe zo muri Congo Kinshasa. Côte d’Ivoire yiyibukije urukino yaheruka inyuma y’imyaka 23.

Ingwe(Léopalds) zo muri Congo Kinshasa zaraye zitekeye imizigo yazo zisubira iwabo inyuma y’urukino rwazihuje n’Inzovu zo muri Côte d’Ivoire. Urukino rwari rwitezwe na benshi rwarangiye ari ibitsindo 3 kuri 1. Abakinyi nka Yaya Toure akina mu murwi wa Manchester City na Gervinho akina muri AS Rome baraye bahaye itsinzi igihugu cabo. Ku munota wa 20 mu gice ca mbere c’urukino, Yaya Toure yinjije ica mbere, ku munota wa 24, icizere caragarutse ku Ngwe za Congo Kinshasa kuri Penalty yatewe na Mbokani. Côte d’Ivoire yagumye isatira, ku munota wa 41, Gervinho yinjije ica kabiri nayo umusore akiri muto Kanon yinjiza ica gatatu ku munota wa 68, maze urukino rurangira ari ibitsindo 3 kuri 1.

Haheze imyaka 23 Côte d’Ivoire itwaye igikombe ca CAN hari mu mwaka w’1992. Mu myaka y’2006 na 2012, ico gihugu canditsindiwe muvyo bita "tirs au but". Congo Kinshasa bwari bubaye ubwa mbere ishitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino za CAN kuva mu mwaka w’1998.

Côte d’Ivoire irindiriye igihugu gitsinda mu rukino ruza guhuza Ghana na Guinée Equatoriale ku kibuga c’i Malabo. Tubibutse ko urukino rwa nyuma ruzoba kw’igenekerezo rya 08 Ruhuhuma.

Umukinyi Mbokani yinjije igitsindo ca Penalty

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Muga na Congo bari bagerageje kabisa nihamwe nyene ccote d,ivoire bakaze kuri technique aba congomani nabo kubera kurya ubugari bwinshi bakinisha inguvu cane nta technik bazi........Inayama nyinsi nubugari bwinshi .............

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.