Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2015: Côte d’Ivoire yakejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2015: Côte d’Ivoire yakejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi

CAN 2015: Côte d’Ivoire yakejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi

lundi 9 Ruhuhuma 2015

Inzovu (Elephants) zitirirwa umurwi nserukiragihugu wa Côte d’Ivoire zatahukanye igikombe ca CAN 2015 bitoroshe mu rukino rwawuhuje n’Inyenyeri zirabura (Black Stars zo muri Ghana. Uwo murwi watahukanye ico gikombe wakejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Petero Nkurunziza ati : "Haburana babiri hagatsida umwe"

Mu gihugu ca Guinée Equatoriale ku kibuga ca Bata haraye hakinywe urukino rwa nyuma rw’amahiganwa y’igikombe ca CAN 2015. Inyuma y’imyaka 23 Côte d’Ivoire idatwara igikombe, yaraye isubiye kugitwara ku ncuro ya gatatu kuva mu mwaka w’1992. Igikombe yaraye itsindiye yagitwaye bitayoroheye imbere y’Inyenyeri Zirabura (Black Stars) zo muri Ghana.

Umwanya wagenewe urukino rw’umupira w’amaguru waheze imirwi yose atawurinjiza, nk’uko amategeko y’urukino abitegekanya bongewe iminota 30 y’agasunuzo. Eka niyo yaheze atawinjije uwundi maze bahava baja muvyo bita "Tirs au but". Aho rero niho haciriwe urubanza rwariko ruhuza iyo mirwi ku kibuga c’i Bata. Cote d’Ivoire yinjije 9 kuri 8 za Ghana. Ghana yariko irondera igikombe ca gatanu inyuma y’ivyo yaronse mu myaka ya 1963, 1965, 1978 na 1982.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yanditse ubutumwa bwo gukeza umurwi nserukira gihugu wa Cote d’Ivoire. Ku muhora wa facebook yiwe yanditse ati : "Ndakeje umurwi wa Côte d’Ivoire uhejeje gutahana igikombe ca #CAN2015. Urukino rwari rubereye ijisho. #Ghana yakinye neza cane ariko haburana babiri hagatsida umwe".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.