Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2015 : Pierre Emerick Aubameyang yinjije igitsindo ciza : (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2015 : Pierre Emerick Aubameyang yinjije igitsindo ciza : (...)

CAN 2015 : Pierre Emerick Aubameyang yinjije igitsindo ciza : Vidéo

lundi 19 Nzero 2015

Inkino z’ihiganwa ry’imirwi nserukrabihugu iri mu nkino zo kurondera gutsindira igikombe ca CAN 2015 zaratanguye, imirwi yo mw’itsinda A na B yarahuye mu mpera z’indwi ishize. Gabon uri kw’isonga n’amanota 3 .

JPEG - 50.5 ko
Pierre Emerick Aubemeyang ahejeje kwinjiza

Nk’uko vyari ku rutonde, umurwi wa Congo Brazaville n’uwa Guinnée Equatoriale n’iyo yuguruye inkino, iyo mirwi yaranganije igitsindo kimwe ku kindi (1-1). Mw’itsinda A nyene harakinye umurwi wa Burkina Faso na Gabon. Ku bitsindo vya Aubameang na Evouna, Burkina Faso yatsinzwe 2-0 na Gabon, ico gihugu kiba gitwaye ikibanza ca mbere mw’itsinda A.

Mw’itsinda B, hakinye ibihugu vya Zambie na Congo (RD), iyo mirwi yaranganije kimwe ku kindi eka na Tunisiya na Cap-Vert vyagenze uko nyene(1-1).

JPEG - 48.6 ko
RD Congo na Zambiya

Ku rutonde rw’inkino zo kw’iri genekerezo rya 19 Nzero, Mw’itsinda C, Ghana ikina na Sénégal isaha icumi na zibiri z’ijoro ku kibuga c’i Mongomo, hanyuma isaha zitatu z’ijoro Algeriya itana mu mitwe na Afrika y’Epfo kuri ico kibuga nyene.

Aho bukera, mw’itsinda D, Cote d’Ivoire izokina na Guinée, hanyuma Cameroun ihure na Mali ku kibuga c’i Malabo, inkino za mbere zizoba isaha cumi na zibiri (18h) ku masaha y’Uburundi n’isaha zitatu z’ijoro ( 21h 00).

Raba igitsindo Pierre- Emerick Aubameyang yinjije


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.