Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2017:Umunsi wa kabiri w’inkino zo gukurakuranamwo waranzwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2017:Umunsi wa kabiri w’inkino zo gukurakuranamwo waranzwe (...)

CAN 2017:Umunsi wa kabiri w’inkino zo gukurakuranamwo waranzwe n’ibitangaza

dimanche 6 Nyakanga 2015

Umunsi wa kabiri w’inkino zo gukurakuranamwo barondera imirwi izoja mw’ihiganwa ry’imirwi nserukira bihugu mu mupira w’amaguru rizobera mu gihugu ca Gabon waranzwe n’ibitangaza vyinshi.

Igitangaza ca mbere ni itsindwa ry’umurwi nserukira gihugu wa Burkina faso n’umurwi wa Botswana.Umurwi nserukira gihugu wa Botswana uza mu kibanza ca 118 ku rutonde rwa FIFA,ntiwatinye gutsinda Burkina Faso igitsindo kimwe ku busa bwa Burkina Faso washitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri CAN 2013.

Ikindi gitangaza mu mupira w’amaguru ku rwego rwa Afrika,ni intsinzi y’umurwi nserukira gihugu wa Sudani y’Epfo,imbere y’umurwi wa Guinee Equatoriale,ku ntsinzi y’igitsindo kimwe ku busa bwa Guinee Equatoriale.

Igihugu ca Sudani y’Epfi cemewe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA mu mwaka w’2012,mu gihe Guinee Equatoriale yashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri CAN 2015.

Umurwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba watsinze umurwi wa Niger ibitsindo bibiri k’ubusa,ivyaheruka kuboneka haraheza igihe,muri uwo mwanya nyene umurwi nserukira gihugu wa Nijeriya wanganije ubusa ku bundi n’umurwi wa Tanzaniya.

Imirwi nserukira bihugu ya Tunisie na Afrika y’Epfo niyo yatangaje abantu mu gihe izwi ko ari imirwi ikomeye ku mugabane wa Afrika.Umurwi wa Tuniziya watsinzwe n’umurwi wa Liberiya ku gitsindo kimwe ku busa,mu gihe umurwi wa Afrika y’Epfo watsinzwe na Mauritaninie ibitsindo bitatu ku gitsindo kimwe.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.