Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN: Igihugu ca Cap-Vert caraye kinganije n’igihugu ca Maroc - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN: Igihugu ca Cap-Vert caraye kinganije n’igihugu ca Maroc

CAN: Igihugu ca Cap-Vert caraye kinganije n’igihugu ca Maroc

jeudi 24 Nzero 2013

Umugwi nserukiragihugu wa Cap-Vert waraye unganije n’umugwi nserukiragihugu wa Maroc mu rukino rwabahuje kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 23 Nzero.

Inyuma yaho mu rukino rwa mbere umugwi nserukiragihugu wa Cap-Vert unganirije n’umugwi nserukiragihugu w’igihugu ca Afrika y’Epfo ubusa ku bundi,uwo mugwi nyene waraye unganije n’umugwi wa Maroc.

Igitsindo ca mbere cinjijwe n’umukinyi wa Cap-Vert Platini Soares ku mupira mwiza yari ahawe na mugenziwe Mendes hari k’umunota w’ 35. Ibintu vyabandanije ukwo mbere igice ca mbere gihera ibintu bikimeze gutyo.

JPEG - 11.8 ko

Igice ca kabiri catanguye umugwi nserukiragihugu wa Maroc werekana ko ukeneye intsinzi kuko waciye usa n’uwikanguye.Ivyo rero bikaba vyatumye umukinyi El Arabi yinjiza igitsindo k’umunota w’78.Urukino rwaheze rero imigwi ibiri yose inganije igitsindo kimwe ku kindi.

Tubamenyeshe ko igihugu ca Cap-Vert arico gihugu gitoya kiri muri iryo higanwa,kikaba kandi kigiye muri iryo higanwa ku ncuro yambere.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.