Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN:Umugwi nserukiragihugu wa Cap-Vert waraye ushitse mu gice ca kane (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN:Umugwi nserukiragihugu wa Cap-Vert waraye ushitse mu gice ca kane (...)

CAN:Umugwi nserukiragihugu wa Cap-Vert waraye ushitse mu gice ca kane gishira ica nyuma

lundi 28 Nzero 2013

Kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013,umugwi nserukiragihugu wa Cap-Vert waraye utsinze umugwi nserukiragihugu wa Angola,bikaba vyatumye uca uronka uburenganzira bwo gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Inyuma y’aho kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 26 Nzero umugwi nserukiragihugu ca Algerie uviriye mw’ihiganwa,umugwi nserukiragihugu wa Cap-Vert wowo waraye werekanye ico wagiye gukora muri CAN 2013 ku kibuga ca Port Elisabeth,kuko waraye uronse utsinze umugwi nserukiragihugu wa Angola uca uronka uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa mu gice ca kane gishira ica nyuma.

JPEG - 56.5 ko

Urukino rwatanguye imigwi yose yerekana ko ikeneye kubandanya ihiganwa kuko bakina bashizemwo inguvu nyinshi.Umugwi nserukiragihugu wa Cap-Vert rero ukaba wikanguye cane mu gice ca kabiri kuko mu mpera z’igice ca kabiri umugwi wa Cap- Vert warinjije igitsindo ca mbere catumye unganya n’umugwi wa Angola,cinjijwe na Fernando Varela k’umunota w’81.

K’umunota w’91,umukinyi Heldon niwe yaje kwunyura ibintu kuko yaciye yinjiza igitsindo ca kabiri,ivyo vyaratangaje abantu benshi kubona umugwi winjiza ibitsindo bibiri mu minota idashika 10.

Tubibutse ko mu nkino za mbere umugwi nserukiragihugu wa Cap-Vert wanganije n’umugwi wa Afrika y’Epfo,wongera unganya n’umugwi wa Maroc igitsindo kimwe ku kindi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.