Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN:Umugwi wa Zambiya waravuye mw’ihiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN:Umugwi wa Zambiya waravuye mw’ihiganwa

CAN:Umugwi wa Zambiya waravuye mw’ihiganwa

mercredi 30 Nzero 2013

Umugwi nserukiragihugu wa Zambiya waravuye mw’ihiganwa rihuza imigwi nserukirabihugu yo muri Afrika inyuma yaho unganirije n’umugwi nserukiragihugu wa Burkina Faso mu rukino rwabaye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero 2013.

Urukino rwatanguye igihe c’isaha imwe y’ijoro ku masaha yo m’u Burundi.Iyo migwi yose yakina ishizemwo inguvu nyinshi kuko imigwi yose yaronse uburyo bwinshi bwo kwinjiza, ariko nta mugwi washoboye kuronka igitsindo.

Ku ruhande rw’umugwi wa Zambiya abakinyi Mayuka,Mbesuma na Christophe Katongo baragerageje gutera mw’igori ariko biba impfagusa,kuko k’umunota wa 16 Mayuka yarateye ariko umupira urwa mu minwe ya Daouda Diakite umunyezamu wa Burkina Faso.

JPEG - 16.8 ko

K’umunota wa 58 bivuye k’umupira utewe na Kalaba umukinyi Mbesuma yarateye umupira n’umutwe ariko uca hejuru gato y’igori.
Umugwi nserukiragihugu wa Burkina Faso ntiwatanguye neza urwo rukino kuko k’umunota wa 11 umukinyi Alain Traore ari mu binjije ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa yavuye mu kibuga kubera yari akomeretse.

Urukino rukaba rwaheze imigwi yose inganije atawutsinze uwundi,umugwi nserukiragihugu wa Burkina Faso ukaba ariwo uca ubandanya ufise amanota atanu.

Tubamenyeshe ko umugwi nserukiragihugu wa Zambiya ariwo ufise igikombe c’iryo higanwa co mu mwaka uheze.Umugwi wa Burkina Faso uzohura n’umugwi utsinda hagati ya Togo na Tunisie.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.