Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Caracas : Batewe amazi n’ivyuka bikoroza amosozi mu kubabuza kwerekana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Caracas : Batewe amazi n’ivyuka bikoroza amosozi mu kubabuza kwerekana (...)

Caracas : Batewe amazi n’ivyuka bikoroza amosozi mu kubabuza kwerekana akababaro

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Abanyeshure co kimwe na bamwe mu banyagihugu bariko biyamiriza ubukene buzura inzara bugata mu gihugu ca Venezuela, i Caracas, batewe amazi n’ivyuka bikoroza amosozi.

Abanyeshure bari kumwe n’abandi banyagihugu bakaba bahuriye i Caracas kugira bihereze amabarabara, ariko bikaba bitakunze kuko abaporisi bambaye impuzu zisanzwe baciye babajamwo, barabarwanya, ndetse batangura no kubatera ivyuka bikoroza amosozi, ariko kubera bari baje biteguriye gupfuka umunwa n’amazuru iyo myiyerekano ikaba itashotse ihagarara.

Uko iyo myiyerekano yari yateguwe bikaba bitashotse biba kuko vyavugwa ko imyiyerekano yatangurira kuri kaminuza ya Venezuela, ikagenda gushika ahakorera umushikiranganji w’ubutunzi. Ku va ku wa 4 Ruhuhuma uyu mwaka, ico gihugu kikaba kirimwo imyiyerekano myinshi biyamiriza ubukene. Ariko rero mu kamenya ko igihugu ca Venezuela ari igihugu kirimwo imirwi y’abanyagihugu usanga bigendanira inkoho, ndetse no muri uyo munsi bakaba bari baje mu myiyerekano.

Abaporisi bakaba baciye barasa amasasu menshi hejuru, bayaherekeza n’ivyuka bikoroza amosozi hamwe n’amazi, abanyagihugu nabo bakora hasi, batora amabuye. Bamwe mu batavuga rumwe na Nicolas Maduro babanyeporitike, bakaba batawe muri yompi. Muri iyo myiyerekano yo kwiyamiriza ubukene, 39 bakaba bamaze kwitaba Imana, mu gihe abashika 550 nabo bakomeretse.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.