IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Carama : Umuporisi yishwe arashwe

Carama : Umuporisi yishwe arashwe

mercredi 23 Ntwarante 2016, par egide

Umuporisi yagandaguwe arashwe mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Kinama, karitiye ya Carama, kw’ibarabara ryitiriwe Mukuyangoma.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abamurashe batamenyekanye, bakaba bagiye batwaye ikiziga ciwe.

OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko umuporisi yishwe mu masasu yumvikanye aho mu Carama nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba ari APC NSENGIYUNVA Dieudonné batazira 41 yahora akora mu giporisi kijejwe gucungera inzego (API).

JPEG - 60.8 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Yishwe arashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye, n’ikiziga ciwe kikaba kitaraboneka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.