Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Carles Puyol agiye kubandanya akinira FC Barcelone - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Carles Puyol agiye kubandanya akinira FC Barcelone

Carles Puyol agiye kubandanya akinira FC Barcelone

mercredi 23 Nzero 2013

Umukinyi w’inyuma mpuzamakungu ava mu gihugu ca Espagne Carles Puyol,agakinira kandi umugwi FC Barcelone, yarongereje ikiringo co gukinira uwo mugwi gushika mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2016.

Nkuko vyashikirijwe k’umurongo w’ingurukanabumenyi w’umugwi FC Barcelone,ngo Carles Puyol yarashize umukono ku masezerano yo kubandanya akinira uwo mugwi gushika kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi umwaka w’2013.

Mu masezerano bari basanzwe bafitaniye n’uwo mugwi,vyari bitegekanije ko iki kiringo turimwo giheze umukinyi Carles Puyol yaciye aheza gukinira FC Barcelone yatanguye gukinira mu mwaka w’1999 ushira umwaka w’2000,akaba mbere ari nawo yigiyemwo ivyo gukina umupira w’amaguru.

Tubamenyesheko umugwi wa FC Barcelone ariwo uza mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa La liga ryo mu gihugu ca Espagne.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.