Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Catherine Ashton yaganiriye na Mohamed Morsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Catherine Ashton yaganiriye na Mohamed Morsi

Catherine Ashton yaganiriye na Mohamed Morsi

mardi 30 Mukakaro 2013

Uwujejwe imigenderanire mw’ishirahamwe rya Bulaya Catherine Ashton, yabonanye na Mohammed Morsi aheruka gukurwa ku butegetsi mu Misiri.

Catherine Ashaton yatangaje ko yabonanye na Mohammed Morsi aho ari mu kibanza kitigeze kimenyeshwa, kandi ko ameze neza.

Yavuze ko Mohammed Morsi afise uburenganzira bwo kuraba imboneshakure no gusoma ibinyamakuru.

Catherine Ashton yavuze kandi ko baganiriye na bwana Morsi umwanya uhagije, aho bahurije ku kubona ko ari nkenerwa ko Misiri ikomeza guter’intambwe ija mbere.
Catherine Ashton yahamagariye abanya Misiri kwumvikana ku kibazo barimwo, aho yavuze ko kugitorera umuti bitegerezwa kubamwo uruhara rwa bose atawukumiriwe.

Hagati aho umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubufaransa Laurent Fabius yahamagariye abategetsi ba Misiri kurekura umushingantahe Morsi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.