Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Catherine Samba-Panza buca agira urugendo rwiwe rwa mbere mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Catherine Samba-Panza buca agira urugendo rwiwe rwa mbere mu (...)

Catherine Samba-Panza buca agira urugendo rwiwe rwa mbere mu makungu

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Mu rugendo rwiwe rwa mbere mu gihugu ca Congo Brazzaville, umupfasoni Catherine Samba-Panza arongoye ivy’imfatakibanza igihugu ca Repuburika ya Centrafrika, yiteguriye kubonana na Denis Sassou Ngguesso, aho bazovugana kubijanye n’umugambi w’amahoro mu gihugu arongoye.

Muri urwo rugendo buca agira kuri uyu wa munani Ruhuhuma muri ico gihugu ca Congo, umupfasoni Samba akaba azovugana n’umuhuza mu biganiro vy’aho muri Centrafrika, ibijanye n’ukugarukana amahoro n’umwizero mu banyagihugu, inyuma y’aho, indwano zibereye ndanse mu gisagara ca Bangui ndetse no mu bindi bisagara.
Muri urwo rugendo, umupfasoni Samba azoba aherekwejwe na bamwe mu bashikiranganji bo muri Reta yiwe. Aha tukavuga nka Toussaint Kongo Doudou ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Colonel Wangao Kizimalé ajejwe umutekano w’abanyagihugu na Rémi Yakoro, umushikiranganji w’ubutunzi. Azoba kandi ari kumwe na bamwe mu bahanuzi bo ku ntwaro ya Michel Djotodia.

Inyuma y’aho uyo mupfasoni arongoye igihugu ca Centrafrika ageneye umushikiranganji wiwe wa mbere André Nzapayéké bagaca bashiraho abagize Reta, bamwe mu bari bacuditse n’umukuru w’igihugu Michel Djotodia bakaba barashoboye kuronswa bimwe mu bibanza, ivyo rero bigatanga umwizero muri ico gihugu, ko ibintu bishobora kuzogenda neza. Urugendo uyo mupfasoni azogira, abakurikiranira hagufi ibintu muri Centrafrika, bavuga ko ari ngirakamaro, kuko vyinshi bizovugwa mu bijanye n’ukugarukana amahoro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.