Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Catherine Samba yatorewe kurongora Centrafrique yoba ari nde - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Catherine Samba yatorewe kurongora Centrafrique yoba ari nde

Catherine Samba yatorewe kurongora Centrafrique yoba ari nde

mardi 21 Nzero 2014

Catherine Samba yatowe kurongora igihugu ca Centrafrique vy’imfatakibanza, yahora atwara igisagara ca Bangui, afise imyaka 58, yatowe n’inama nshingamateka kugira abe umukuru w’igihugu ca Centrafrika vy’imfatakibanza.

Yarushije amanota André Kolingba, akaba abaye umukenyezi wa mbere atowe kugira arongore ico gihugu ca Centrafrika, yaronse amajwi 75 kw’ijana kuri 53 y’uwo bahiganwa.

Catherine Samba yoba ari nde kugira aze ashobore kurongora ico gihugu gisanzwe kirimwo indyane nyinshi zifatiye ku madini?

Catherine Samba Panza, ku myaka 58 yaraye atowe kugira arongore igihugu ca Centrafrika. Akaba yatowe n’inama nkuru y’igihugu y’imfatakibanza (conseil national de transition) kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Nzero. Uwo mukenyezi asanzwe ari umugwizatunga, yize ivy’amategeko, akaba afise abana batatu. Igihe yafata ijambo imbere y’abashingamateka, uwo yahora atwara igisagara c’i Bangui, akaba yateye akamo gakomeye ko imirwi irwana yoshira ibirwanisho hasi. Yagize ati :’’Ndateye akamo abana banje, abarwanyi b’abakirisu banyumva hamwe n’abahoze mu muhari seleka, ko boshira ibirwanisho hasi."

Umupfasoni Samba akaba agira ati: ’’Guhera uno munsi ndi umukuru w’igihugu w’abanyacentrafrika ata n’umwe avuyemwo’’. Aho uyo mupfasoni akaba ashaka kwerekana ishaka n’ubwira afise, mu bijanye n’ukugarukana amahoro muri ico gihugu.

Mbega uwo mupfasoni ni nde? Ni ibiki yaranguye ?

Umupfasoni Catherine avuka kuri se w’umunyacameroune na nyina ava mu gihugu ca Centrafrika. Yavukiye i N’djamena mu gihugu ca Tchad, ku genekerezo rya 26 Ruheshi 1956. Yakuriye mu gisagara ca Bangui inyuma yo kubandanya amashure yiwe mu gisata c’amategeko mu gihugu c’ubufaransa. Yaciye aronka impamyabushobozi i Paris, yaciye aronka n’izindi impamyabushobozi nyinshi nko mu gisata co kumenyesha amakuru, n’ibindi. Mu mwaka w’1990, Catherine Samba Panza akaba yaciye agaruka i Bangui aca akora ivyiwe.

Mu nyuma yatanguje ishirahamwe y’ ivyerekeye ivyo gutegenairiza kazoza. Umushingwamanza, Catherine Samba Panza yaciye aja mw’ishirahamwe ry’abakenyezi bize ivy’amategeko bo muri Centrafrika (Association des femmes juristes de centrafrique). Iryo shirahamwe rero risanzwe rikora na cane cane ibikorwa vyo kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina, ubwoko bwose bw’amabi akorerwa abakenyezi. Uwo mupfasoni asanzwe ahora azunguruka igihugu cose ariko aratanga inyigisho mu vyerekeye agateka ka zina muntu, mu mugambi wo muri Afrika mu butungane mpuzamakungu, yaranazungurutse n’ibihugu vyinshi vyo mu karere k’ibiyaga binini aho yagenda abonana n’amashirahamwe atari make.

Mu mwaka wa 2003, Catherine Samba Panza, yarafashije mu kurongora ibiganiro vyari vyateguwe inyuma gato y’itembagazwa ry’ubutegetsi rya François Bozize. Mu nyuma yaciye atorwa aba umukuru w’umurwi wari ujejwe gusuzuma ivyari vyemeranijwe muri ivyo biganiro. Mu kwezi kwa Rusama 2013, uwo mukenyezi yaciye atorwa arongore igisagara ca Bangui, akaba yagira uwa 37. Igihe yatorwa yaciye afata mu minwe ingorane zari zizingamitse ico gisagara, cari ciziziwe n’ubusuma n’ivyaha bitagira izina.

Ku ma genekerezo ya 15 Munyonyo, yaratumiwe mu nama idasanzwe y’amashirahamwe y’abakuru b’ibisagara bavuga ururimi rw’igifaransa. Mu kwezi kwa Kigarama, yarakoze urundi rugendo rwamushikana mu gihugu c’Ubufaransa kugira bagiranirane amasezerano yo guteza imbere igihugu. Imwe rero mu vyatumye uwo mupfasoni Catherine ashimwa n’abashingamateka cane kuko ataho yegamiye. Nta mugambwe n’umwe ukomeye ahurikiyemwo. Umushingantahe wiwe Cyriaque Samba Panza nawe n’umukinyi wa poritike azwi cane. Akaba yarashinzwe amabanga yo kuba umushikiranganji incuro zitari nke nko ku ntwaro ya André Kolingba hamwe no kwa François Bozize.


Floxella Karire

Messages

  • WAMUPFASONI IMANA IGUHEZAGIRE. IKWONGERERE UBUMENYI BWO KURONGORA IGIHUGU

  • Arampaye courage ko nanje umunsi uri izina nzoronka akaryo nkagira ico marira uburundi n abarundi naho ndi umunyarwanda ,hama je nifuza ko yoyobora abanyagihugu mu rukundo agasenga Imana mu kuri maze nayo ikamuha ubwenge bwo kumenya ico akora ku bibazo vyinshi bahanze ipfuvyi n abapfakazi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.