Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CECM : Abari mw’ishirahamwe barashima aho bageze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > CECM : Abari mw’ishirahamwe barashima aho bageze

CECM : Abari mw’ishirahamwe barashima aho bageze

vendredi 23 Myandagaro 2013

Ishirahamwe ryo kubika no kuguranana CECM, ryarakoresheje inama abaserukira abanywanyi b’iryo shirahamwe. Abo baserukiye abandi barashimye ivyavuye mu cegeranyo bashikirije.

Muri yo nama kandi barongeye baramenyeshwa aho ibikorwa vyo mu mwaka wa 2013 bigeze, ndetse na bikuru bikuru mu migambi isanzwe yaratanguye muri uno mwaka. Ivyegeranyo vyose vyashikirijwe vyarashimwe n’ abaserukira abanywanyi b’iryo shirahamwe. iryo shirahamwe CECM rikaguma ryinjiza abanywanyi bashasha kandi akarusho n‘ inyungu bikaba biguma vyiyongera naho baciye mu ngorane zitandukanye.

Abanywanyi benshi na cane cane abo mu mashirahamwe y’abarimyi, ayo abarimyi b’umuceri basaba CECM y’uko bosubiramwo ibice vy’inyungu bisabwa iyo iryo shirahamwe ribahaye ingurane. Abo barimyi bakaba bavuga ko umwimbu wabaye muke kuko ikirere kitagenze neza niko bongeye ko. Abahora badandaza mw’isoko nkuru ya Bujumbura ivyabo vyahiye, birabagora cane gusubiza ingurane bari barasavye. Ikindi naco abari aho basavye ishirahamwe CECM, ni uko ryokongereza amashami ya Buyenzi hamwe n’ishami ry’impande y’isoko nkuru ya bujumbura.

Umuyobozi mukuru wa CECM, umupfasoni Louise Nsabiyumva arabitahura ariko amenyesha bisaba ko uburyo bwinshi haba mu bikoresho hamwe n’amafranga ku bwiwe uwo mugambi uzokorwa buhorobuhoro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.