Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Céline Dion na René bahanye agasaga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Céline Dion na René bahanye agasaga

Céline Dion na René bahanye agasaga

lundi 11 Munyonyo 2013

Urugo rw’akarorero mu gukundana mu gisagara ca Québec muri Canada eka no kw’isi yose ruhejeje gusambuka. Abo bari akarorero k’abakundana kw’isi, none ngabo baravanye. Umuririmvyi azwi cane kw’isi Céline Dion yagiye adasezeye René Angélil uwo bari bubakanye.

Urukurukuru ruhari ruvuga ko uwusambuye inzu y’urukundo ya René Angélil na Céline Dion, yoba ari umutunzi wo muri Arabiya Sawudite, umuganwa. Bivugwa ko babonye uwo mugore w’imyaka mirongo 45 asohoka ava mu nzu y’umuryango iri i Vegas ajanye na Abibi sheik.

« Ni ikigandaro c’igihugu uno munsi ku banyagihugu b’i Quebec », bivugwa na Jean-Pierre Ferland umuririmvyi aturuka muri Quebec. Arongera ati : « bisa n’inyenyeri z’ibiri zizimye ». Pauline Marois Umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, vyari vyitezwe ko aza kuvuga ijambo abanyagihugu uno munsi nyene, ku bijanye n’ukwo kwahukana, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wiwe.

Iyo nkuru mbi ije gusonga René-Charles avuye mu bitaro kubera amagara yiwe atarameze neza. Abo bahukanye bari bagize ubugeni mu mwaka w’1994, bari bavyaranye abahungu 3,Rene Charles afise imyaka 12, n’amahasa Nelson na Eddy bafise imyaka itatu. Rene afise imyaka 71, Celina Dion nawe 45. Ukwo kwahukana gushobora kuryohera nyina wa celine Dion kuko nakare bari bubakanye atabishaka.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.