Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafique : Umunani bemerewe kugira bitoze kurongora igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafique : Umunani bemerewe kugira bitoze kurongora igihugu

Centrafique : Umunani bemerewe kugira bitoze kurongora igihugu

lundi 20 Nzero 2014

Inama nshingamateka yo muri centrafrika iraza gutora umukuru w’igihugu mushasha, aho arindiranywe n’igikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mu maguru masha muri ico gihugu, kuko kigeze ahatemba kubera ubwicanyi bufatiye ku madini. Abantu bashika 50, bakaba baratowe ibiziga guhera ku munsi wa gatanu bapfiriye mu migumuko.

Mu gisagara ca Bangui, abasirikare bava mu Bufaransa hamwe no muri Afrika baguma bakizura, abanyagihugu nabo ubu bari mu ma kambi yabateshejwe izabo baka babafise ubwoba bwinshi kuko batazi uko imirwi irwana iza kuvyifatamwo. Ku ruhande rw’ishirahamwe ry’abanyaburaya, kuri uno munsi baraja kwemeza irungikwa ry’abasirikare n’imiburiburi bagera ku 500 i Bangui hamwe n’abandi 1600 b’abafaransa bagiyeyo kuva mu kwezi kwa Kigarama,hamwe n’4400 bo muri MISCA.

Amatora y’umukuru w’igihugu n’umurwi w’igihugu w’imfatakibanza (CNT), yari ateguwe igihe c’isaha zine akaza gutuma igihugu ca Centrafrika kiramutswa umukuru w’igihugu mushasha mu gihe kw’igenekerezo rya 11 nzero, Michel Djotodia yatanze imihoho kuko amakungu yamwagiriza kuba ata co yigeze akora kugira ahagarike ubwicanyi bufatiye ku madini, ndetse nawe akavyiyemerera ko hari ivyamugoye gushikwako.

Catherine Samba umwe mu bitoza

Ku bantu 24 bari bashatse kwitoza muri ayo matora , 8 gusa nibo bemerewe n’uwo murwi CNT. Abashingamateka bari bashizeho amategeko akomeye y’abitoza ku buryo hatapfa kugenda uwari we wese, abategetsi bamwe bamwe bo ku ntwaro ya Djotodia, abakuru b’imigambwe, abasirikare bakomakomeye hamwe n’abari mu kiroberi muri ino myaka 20 iheze.

Muri abo bitoje hakaba harimwo umukuru w’igisagara co ngaho i Bangui catherine samba panza, Sylvain Patasse hamwe na Desire Kolingba, abo bose akaba ari abana b’abahoze ari abakuru b’ibihugu umwe n’uwa Ange Felix Patasse yatwaye guhera mu mwaka wa 1993 gushika mu mwaka wa 2003 hamwe n’uwa Andre Kolingba guhera mu mwaka wa 1981 gushika umwaka w’1993.

Abandi bari muri ayo matora, hariho Emile Gros Raymond Nakombo akora mw’ibanki yari yegereye cane umukuru w’igihugu Kolingba. Ibwirizwa nshingiro ryo ngaho mu gihugu ca Centrafrika, rikaba ritegekanya incuro imwe gusa y’amatora, uwubaye uwa mbere akaba ariwe abarongora.

Uwuba yatowe aca arahira imbere ya sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’imfatakibanza, imbere y’uko iyindi Reta ishingwa. Uwurongoye umurwi w’igihugu w’imfatakibanza CNT, Léa kouyassoum Doumta akaba yamenyesheje ko ata muntu n’umwe ari muri uwo murwi, azoja muri iyo Reta nshasha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.