Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Abakozi ba Reta baronkejwe agashahara inyuma y’amezi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abakozi ba Reta baronkejwe agashahara inyuma y’amezi (...)

Centrafrika : Abakozi ba Reta baronkejwe agashahara inyuma y’amezi atandatu

mardi 11 Ntwarante 2014

Inyuma y’amezi atandatu bari bamaze badahembwa, abakozi ba Reta yo mu gihugu ca Centrafrika batanguye guhabwa agashahara kabo. Batanguye kubahemba, mu gihe igihugu ca Angola bavuga ko mu gihe kiri munsi y’indwi gusa bari bagiye kurungikira Reta imfashanyo ingana n’imiriyoni 10 z’amadorare, aho ni mu gihe Catherine Samba, umukuru w’igihugu ca Centrafrika vy’imfatakibanza yari yagendeye ico gihugu ku ma genekerezo ya 4 na 5 Ntwarante.

Guhera mu kwezi kwa Nyakanga umwaka w’2013, abakozi ba Reta ya Centrafrika ntibari bwahembwe. Kuva ku munsi w’ejo kuwa mbere, igenekerezo rya 10 Ntwarante bakaba batanguye kuronswa agashahara kabo k’ukwezi kumwe.
N’aho bataronkejwe ako gashahara kabo kose, umwe muri abo bakozi, Yohani Nguélébo, umukozi akora mu gisata c’amagara y’abantu agira ati : "Twopfuma turonswa n’ukwezi kumwe, hako tuburiramwo vyose. Tubayeho nabi cane, Reta yogira akigoro ikaduha ukwezi kundi kumwe canke abiri namba bishoboka."

JPEG - 35.6 ko
Abakozi ba Reta ya Centrafrika batondeye umushahara w’ukwezi kumwe inyuma y’amezii batabona n’ifaranga

Igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2014, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, François Hollande, yari yagendeye umurwa mukuru wa Centrafrika, i Bangui, akaba yamenyesheje ko ibindi bihugu bishobora guterera agacumu k’ubumwe kugira abakozi bashobore kuronswa umushahara wabo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.