Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abakozi ba Reta baronkejwe agashahara inyuma y’amezi (...)
Centrafrika : Abakozi ba Reta baronkejwe agashahara inyuma y’amezi atandatu
mardi 11 Ntwarante 2014
Inyuma y’amezi atandatu bari bamaze badahembwa, abakozi ba Reta yo mu gihugu ca Centrafrika batanguye guhabwa agashahara kabo. Batanguye kubahemba, mu gihe igihugu ca Angola bavuga ko mu gihe kiri munsi y’indwi gusa bari bagiye kurungikira Reta imfashanyo ingana n’imiriyoni 10 z’amadorare, aho ni mu gihe Catherine Samba, umukuru w’igihugu ca Centrafrika vy’imfatakibanza yari yagendeye ico gihugu ku ma genekerezo ya 4 na 5 Ntwarante.
Guhera mu kwezi kwa Nyakanga umwaka w’2013, abakozi ba Reta ya Centrafrika ntibari bwahembwe. Kuva ku munsi w’ejo kuwa mbere, igenekerezo rya 10 Ntwarante bakaba batanguye kuronswa agashahara kabo k’ukwezi kumwe.
N’aho bataronkejwe ako gashahara kabo kose, umwe muri abo bakozi, Yohani Nguélébo, umukozi akora mu gisata c’amagara y’abantu agira ati : "Twopfuma turonswa n’ukwezi kumwe, hako tuburiramwo vyose. Tubayeho nabi cane, Reta yogira akigoro ikaduha ukwezi kundi kumwe canke abiri namba bishoboka."

- Abakozi ba Reta ya Centrafrika batondeye umushahara w’ukwezi kumwe inyuma y’amezii batabona n’ifaranga
Igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2014, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, François Hollande, yari yagendeye umurwa mukuru wa Centrafrika, i Bangui, akaba yamenyesheje ko ibindi bihugu bishobora guterera agacumu k’ubumwe kugira abakozi bashobore kuronswa umushahara wabo.
Floxella Karire