Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Abantu 22 nibo baguye mu gitero c’abagizi ba nabi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abantu 22 nibo baguye mu gitero c’abagizi ba nabi

Centrafrika : Abantu 22 nibo baguye mu gitero c’abagizi ba nabi

lundi 28 Ndamukiza 2014

Abantu 22 harimwo abakozi b’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF, nibo baguye mu gitero cabaye kuwa 26 ndamukiza, ku bitaro biri mu Buraruko bwa Bangui.

Abantu bitwaje ibigwanisho vyavugwa ko ari abahoze araba seleka hamwe n’ aba peuls bateye ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 26 Ndamukiza mu masaha y’umuhingamo, ibitaro bisanzwe bifashwe mu mugongo n’ishiarahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSFhishwe abantu 22, muri abo harimwo abakozi b’ishiarahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF,10 nabo barakomeretse ,nk’uko vyamenyeshejwe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 ndamukiza.

Iyo ntwazangabo imwe mu banyafrika bagiye kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu yari ari aho habereye ico gitero, avuga ko bivye n’amamashini hamwe n’ibindi bikoresho aho bagiye babomoye imiryango, aho hose izo nkozi z’ikibi zoba zariko zirondera amafranga. Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF, ryemeje ayo makuru avuga ko hari abakozi baryo batatu baguye muri ico gitero.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.