Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika: Abantu barenga ibihumbi 15 bugarijwe n’imirwi yabitwaje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika: Abantu barenga ibihumbi 15 bugarijwe n’imirwi yabitwaje (...)

Centrafrika: Abantu barenga ibihumbi 15 bugarijwe n’imirwi yabitwaje ibirwanisho

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Abantu barenga ibihumbi cumi na bitanu bari mu duce tugera kuri 18, bugarijwe n’imirwi y’iterabwoba iri mu Buraruko bushira uburengero muri Centrafrika. Nk’uko vyamanyeshejwe n’umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Martin Nesirky, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Iyo mirwi rero igisibije yiterabwoba irimwo n’imirwi y’abitwaje ibirwanisho. Martin Nesirky yamenyesheje ko abo banyagihugu bugarijwe n’imirwi y’abitwaje ibirwanisho, bakeneye vyihuta umutekano mu duce twose barimwo. Ishirahamwe HCR hamwe n’abo basanzwe bakorana imirimo, rikaba ryatanguye kuzana imfashanyo yayo, ariko ikibutsa ko yonyene itovyishoborana, ko hakewe n’izindi mfashanyo zoza gushigikira. HCR rigahamagarira kandi imirwi yose yitwaje ibirwanisho guhagarika ubugizi bwa nabi ku banyagihugu ataco bazira.

Mu matohoza amaze gukorwa, hamaze gusinzikara ubuzima bw’abantu batagira uko bangana mu mishamirano iriko ibera muri Centrafrika. Mukibuka ko iyo mishamirano yatangujwe n’abaroberi ba Seleka, bagizwe ahanini n’aba islamu batanye mu mitwe n’abasirikare ba anti-balaka bagizwe ahanini n’abakirisu, ari naho mbere iyo mishamirano yaciye ihindura intumbero iba iyihurikiye ku madini. Ishirahamwe PAM naryo rikagabisha ibishobora kuba muri ako karere, mu gihe n’abanyagihugu barenga igihumbi babandanya bahunga imishamirano iriko ibera muri Centrafrika. Umuvugizi wa ONU, akaba yateguje ibihugu bibanyi vya Centrafrika ko vyokwitegura kwakira abandi banyagihugu bakeneye gufashwa bashika ku bihumbi 15 000. Ishirahamwe PAM rikavuga ko iryo hunga ry’abanya centrafrika bariko bava mu gihugu, babangamiwe gushika ubu, no kubura imfungurwa, ivyo bigatuma n’ibihugu bahungiyemwo bitoroherwa mu kubafasha.

Mwokwibuka ko kuva muri Kigarama umwaka w’i 2012, imishamirano n’umutekano muke muri Centrafrika, vyatumye abanyagihugu bashika ku bihumbi 700 bahungira hagati mu gihugu, hamwe n’abandi bahungiye mu bihugu bibanyi nka Cameroun, Tchad, Congo-Kinshasa hamwe na Congo-Brazzaville.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.