Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Abantu bateye amakenga bahungiye hafi y’ikirindiro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abantu bateye amakenga bahungiye hafi y’ikirindiro (...)

Centrafrika : Abantu bateye amakenga bahungiye hafi y’ikirindiro c’abasirikare b’Uburundi

mardi 24 Kigarama 2013

Isinzi ry’abanyagihugu bagize imyiyerekano mw’i quartier imwe y’i Bangui mu gisagara ca Centrafrika, aho bariko bariyamiriza inteko z’igihugu c’Ubufaransa, abo biyamiriza ico gihugu bari muri quartier yitwa PK5 iri mu Buraruko bw’umurwa mukuru Bangui, aho naho hakaba ariho hamaze iminsi hari ngorane hagati y’abasiramu n’abakristu.

Abari muri iyo yegereyegere bakaba bari bafise ivyandiko vyanditseko ko biyamirije Ubufaransa, biyamirije ubutegetsi bw’Ubufaransa mu gihugu cabo, benshi muri abo bariko bariyamiriza bakaba bari abasiramu. Ivyo rero bikaba vyaje, mu gihe ejo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Kigarama, hiriwe imyiyerekano naho nyene, ndetse hakaba haranabaye ugukoranako hagati y’abari mu madini ya Islam n’abakristu, abasiramu babiri baritaba Imana.

Muri ako kajagari kadutse kuri uyu wa mbere rero, umwe mu basirikare bakuru bo muri MISCA, akaba avuga ko, abantu barashe amasase menshi mw’ijoro rishira uyu wa kabiri, ayo masase yatumberezwa ahari ibirindiro vy’abafaransa, ariko Imana ikaba yarakinze ntamuntu n’umwe yakomeretse canke ngo hagire icononekara. Abo bateye rero, bikavurwa ko boba baciye biyambika urushato rw’intama, baca bahungira hafi y’ahari ikirindiro c’abasirikare b’abarundi, bagiye kugarukana amahoro aho muri Centrafrika. Abo bahahungiye bikaba binurwanurwa ko, boba ari bamwe mu barwanyi b’umuhari Séléka (abarwanyi bahoze mw’ishamba, ubu bakaba aribo barongoye igihugu), abandi nabo bakavuga ko boba ari abitwa aba anti-balaka (abarwanyi b’abakristu).

Tukaba twobamenyesha ko mu gitero co kuri uyu wa mbere, abarwanyi b’abasiramu babiri aribo bitavye Imana, abo baarwanyi b’umuhari Seleka bakaba bagiriza ingabo z’ubufaransa ko zaka ibirwanisho abo bahoze ari abarwanyi. Eka no muri aka gatondo, abandi barwanyi bo muri Seleka batatu bakaba bapfuye mu gihe bariko baratera akajagari mu ma quartier amwe amwe y’i Bangui.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.