Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Abashikiranganji bakombowe n’umukuru w’igihugu ntawuzi aho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abashikiranganji bakombowe n’umukuru w’igihugu ntawuzi aho (...)

Centrafrika : Abashikiranganji bakombowe n’umukuru w’igihugu ntawuzi aho bageze

lundi 16 Kigarama 2013

Abashikiranganji batatu bo mu gihugu ca Centrafrika babogojwe n’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, Michel Djotodia, bahorwa kuba batabaye hafi igihugu kuva aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi batereye igisagara ca Bangui, gushika aho inteko z’Ubufaransa zije gufasha kugarukana umutekano.

Abashikiranganji bakuwe akaba ari Josue Binua umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, Christophe Bremaidou umushikiranganji w’ikigega ca Reta hamwe Joseph Bendounga umushiranganji w’ubworozi. Aho hakaba hari kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 15 Kigarama. N’ubwo abandi bashikiranganji batatowe, abashikiranganji somambike batari bake ba Michel Djotodia bariko barafasha kurongora igihugu vyimfatakibanza. Aho mukamenya ko ari Djotodia yafashe ingingo we nyene yo kwirukana abo bashikiranganji muri Reta arongoye, ari kumwe n’abandi ba soma mbike wiwe.

oseph Bendounga umwe mu bashikiranganji birukanywe

Ku bwa Djotodia, abo bashikiranganji bagirizwa kuba bari mubadurumbanije umutekano mu gihugu. Jose Bimoua akaba akekwa kuba ari mubagize ibitero, igenekerezo rya 5 Kigarama abicishije mu gisirikare c’abatavuga rumwe na Balakas, n’ikimenyamenya hakaba haratowe n’ibirwanisho bitari bikwe iwe, n’ubwo we yisiguye avuga ko ari vya bamwe bajejwe umutekano w’igihugu.

Mwomenya ko igihugu ca Centrafrika cugarijwe ubu n’imishamirano iri hagati y’amadini, imishamirano imaze guhitana abagera ku 600 mu ndwi imwe gusa. Nayo abo bashikiranganji batatu babogojwe, bikavugwa ko batazi iyo bari ubu.

JPEG - 67.5 ko
Josue Binua umushikiranganji w’umutekano yabogojwe

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.