Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Abasiramu 200 nibo bahungishijwe mu gihugu ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abasiramu 200 nibo bahungishijwe mu gihugu ca (...)

Centrafrika : Abasiramu 200 nibo bahungishijwe mu gihugu ca cameroun

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Abantu 10 nibo bahitanywe n’igitero c’abakirisu mu gihe abasirikare b’Urwanda bariko bahungisha abasiramu 200 babajana mu gihugu ca Cameroun.

Abasirikare b’Urwanda bagiye kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrique bashoboye guhungisha abasiramu bagera ku 200, babavana muri centrafrika babajana muri cameroun. Ariko rero nk’uko vyamenyeshejwe n’umumenyeshamakuru akorera insamirizi BBC asanzwe ari kumwe n’ingabo zagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu, imodoka zahungisha abo basiramu zatewe n’intagondwa z’abakristu aho zari zitwaje inkoho, amacumu, amabuye n’imipanga. Ingabo z’Urwanda zarwanye n’izo ntagondwa zashaka kwica abanyislamu. Abantu 10 barimwo impunzi z’abasiramu n’umudereva akaba aribo baguye muri iryo tana mu mitwe.

Tubamenyeshe ko ku munsi w’ejo, umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza w’igihugu ca Centrafrika umupfasoni Samba Panza yasavye ko ingabo z’abafaransa zagiye kugarukana umutekano zohaguma, kugeza mu mwaka wa 2015, ivyo akaba yabishikirije iminsi itatu inyuma yaho Ubufaransa bumenyeshereje ko bugiye kurungika abandi basirikare baja gufasha, mu kiringo kirekire kucari gitegekanijwe.


F loxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.