IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Centrafrika : Abasirikare b’abarundi bariko baramenyera akarere

Centrafrika : Abasirikare b’abarundi bariko baramenyera akarere

jeudi 9 Nzero 2014

Abasirikare b’abarundi bari i Bangui mu gihugu ca Centrafrika bariko baramenyera akarere, ndetse bakaba barangura neza igikorwa cabajanye nk’uko vyashikirijwe na Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi wigisirikare c’Uburundi.

Gaspard Baratuza umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi

Baratuza akaba anamenyesha ko ku basirikare 850 b’abarundi bari aho i Bangui, umwe ariwe amaze gukomereka atewe grenade, ariko akaba atakomeretse cane, ndetse akaba ariko arakira. Muri ico gihugu ca Centrafrika rero ibintu bikaba bikomeye gushika n’ubu, mu gihe abanyagihugu baguma bashamiranye mu turere dutandukanye, aho imirwi y’amadini ariyo igenda iratana mu mitwe mu burere butandukanye, ndetse abatari bake muri ico gihugu bakaba bamaze kuhasiga ubuzima abandi nabo, bagakomereka mu gihe impunzi zitagira ukwo zingana zakoranirijwe ahantu hacungerewe kugira ntizihohotererwe ubuzima.

Kuva mu kwezi kwa Kigarama ku mwaka uheze w’2013, abasirikare b’abarundi bafashanije n’abandi bagiyeyo kugarukana amahoro, bakaba bariko barafasha mu gukingira abanyagihugu n’aho ubwicanyi butandukanye bwo bubandanya. Abanyamahanga baba aho i Bangui, bakaba bariko barahunga izo ntambara baja iwabo, aha tukaba twobamenyesha nk’abava mu bihugu vya Mali, Tchad, Guinee, eka n’abandi bo mu bihugu vy’ Uburengero bw’Afrika.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.