Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Abasirikare babiri b’abafaransa bagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abasirikare babiri b’abafaransa bagandaguwe

Centrafrika : Abasirikare babiri b’abafaransa bagandaguwe

mardi 10 Kigarama 2013

Reta y’Ubufaransa yamenyesheje ko abasirikare babiri b’ico gihugu bari mu bari barungitswe kugarukana amahoro muri Repuburika ya Centrafrika, baguye mu ntureka.

Abo basirikare babiri nibo ba mbere b’Ubufaransa baguye muri ico gihugu ca Centrafrika kuva aho Ubufaransa bwongereje abasirikare barungitsweyo.
Abategetsi b’Ubufaransa bamenyesha kandi ko umukuru w’igihugu François Hollande niyava mu gihugu ca Afrika y’epfo aho yitavye ibirori vyo gusezera ubwa nyuma Nelson Mandela, azogenderera Repuburika ya Centrafrika.

Ubufaransa bwarungitse muri Centrafrika abasirikare 1600 kugira bafashanye n’abandi bariyo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri ico gihugu inganda z’abantu ziguma zitikira.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.