Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Abasirikire batanu bava mu gihugu ca Tchad nibo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abasirikire batanu bava mu gihugu ca Tchad nibo (...)

Centrafrika : Abasirikire batanu bava mu gihugu ca Tchad nibo bapfuye

jeudi 26 Kigarama 2013

Abasirikare batanu ba banya Tchad bari mu nteko za Misca nibo bitavye Imana I Bangui, mu mishamirano yabaye hagati y’abasirikare abatavuga rumwe n’abalakasi hamwe n’abasirikare b’abanya Tchad.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Eloi Yao, umuvugizi wa MISCA, kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 25 Kigarama 2013, abasirikare bahitanywe n’amasasu batamenye iyo aje ava, mu mishamirano yaariko iraba mu Buraruko bw’igisagara ca Bangui. Ayo masasu nyene yakoroka nk’imvura, yatumye abatari bake bo muri ako gace bata umutwe, abatari bake nabo bata izabo baromoka, bahungira mu duce vyitwa ko dutekanye. Gushika ubu, ivyahononekariye bikaba bitaramenyekana.

Imishamirano ikaba yagiye iragabanuka uko amasaha yagenda arigirwa imbere, n’ubwo umutekano utarasubira kugaruka mu gisagara ca Bangui. Mu gitondo co kuri uyu wa kane, abasirikare ba bafaransa bakaba bari bigaruriye ibarabara rikuru rijana ku kibuga c’indege, co ku murwa mukuru wa Centrafrika, baca batangura amasekeza yo kuraba abafise ibirwanisho mu makaratiye yegereye ako gace.

Bamwe mu banyagihugu bo muri ako gace babajijwe, bavuze ko abasirikare batavuga rumwe n’abalaka boba bateye abasirikare b’abanya Tchad muri karatiye ya Gobongo, hafi y’ikibuga c’indege. Bikavurwa kandi ko n’igisirikare c’abarundi kiri mubo bateye, mu gitero cabaye kuri uyu wa gatatu.

Abandi banyagihugu nyene babajijwe bo ma karatiye atandukanye, bavuze ko abahoze ari abarwanyi ba Seleka bifadikanije hamwe n’abasirikare b’abanya Tchad kugira bigize kure abasirikare barwanya abalaka. Ariko, ibi bikaba bitemejwe na MISCA.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.