Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Amakungu asabwa gufasha guhagarika ubwicanyi bw’agahomerabunwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Amakungu asabwa gufasha guhagarika ubwicanyi bw’agahomerabunwa

Centrafrika : Amakungu asabwa gufasha guhagarika ubwicanyi bw’agahomerabunwa

mercredi 15 Nzero 2014

Icegeranyo cashizwe ahabona n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cerekana ko muri Centrafrika hakwiragiye ubwicanyi bwahitanye abanyagihugu basanzwe, ihohoterwa rifatiye ku gitsina, hamwe no gucibwa ibihimba vy’umubiri.

Abajejwe amatohoza bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga ko imirwi yo ku ruhande rw’abakirisitu (anti-Balaka) yishe abayisiramu benshi mu kwezi guheze, harimwo abana n’abagore.
Abarwana ku ruhande rw’abayisiramu nabo (Seleka) bishe abakirisitu benshi mu kwihora, harimwo n’abari bakomeretse bamaze gushikanwa mu bitaro.

Nk’uko tubikura kuri BBC, ico cegeranyo gisohotse imbere y’umubonano wihuta w’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku kibazo c’ivyaha vyakorewe mu gihugu ca Centrafrika.

Mu vyasabwe inyuma y’aho ico cegeranyo gisohokeye, umwe mu bategetsi bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamenyesheje ko ari ngombwa ko amakungu akwiye kugira ico akoze, mu ntumbero yo gukingira Centrafrika ubwicanyi bw’agahomerabunwa buharangwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.