Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Desmond Tutu amenyesha ko ihonyabwoko riri ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Desmond Tutu amenyesha ko ihonyabwoko riri ku (...)

Centrafrika : Desmond Tutu amenyesha ko ihonyabwoko riri ku mwango

lundi 21 Ndamukiza 2014

Musenyeri Desmond Tutu wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo amenyesha ko mu gihugu ca Centrafrika bari ku makombe y’ihonyabwoko, hamwe abanyagihugu batorekuriranira kugira babane.

Uyo musenyeri akaba asaba abanyagihugu bo muri ico gihugu ca Centrafrika, kwiga kurekuriranira kugira babane, amahoro n’urukundo bibashware. Amemyesha ko igihugu kiri ku nkengera z’ihonyabwoko ndetse bamwe bo bakaba bamaze n’ugutangura kuvyemeza ko ihonyabwoko ryatanguye. Avuga ko ukurekuriranira kubuze muri abo banyagihugu, atakabuza bazomarana, nk’uko Desmond Tutu yaronse agashimwe k’amahoro abivuga mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ikigo ciwe.

Muri iryo tangazo musenyeri Tutu akavuga ko avuze yuhirira umunyamabanga mukuru wa ONU Ban ki Moon, mu gusaba abanyagihugu ba Centrafrika kwubahana, bakuba agateka k’abandi kugira bashobore kubana mu mahoro. Mukamenya ko intambara irangwa muri ico gihugu ije isongera isibe, mu gihe Centrafrika kiri mu bihugu bikenye cane kw’isi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.