Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Igisirikare c’Uburundi kirindiriwe n’igikorwa kitoroshe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Igisirikare c’Uburundi kirindiriwe n’igikorwa kitoroshe

Centrafrika : Igisirikare c’Uburundi kirindiriwe n’igikorwa kitoroshe

samedi 14 Kigarama 2013

Mu gihe abasirikare b’abarundi bagera ku majana icenda aribo basabwe kugira baje gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika, ubwicanyi buriko bubera muri ico gihugu burateye ubwoba, mu gihe muri iyi ndwi irangiye gusa hapfuye abantu bagera ku majana atandatu.

Imishamirano iri muri ico gihugu ca Centrafrika iteye ubwoba uravye ukwo abantu bahasiga ubuzima hagati y’imishamirano iri hagati y’abakristu n’abasiramu, ku buryo ku murwa mukuru w’igihugu ca Centrafrika gusa, hamaze gusiga ubuzima abantu bagera kuri 450 mu gihe c’indwi imwe, abandi nabo barenga 160, bakaba bishwe mu ntara zo hagati mu gihugu. Muri iyo mishamirano iri hagati y’amadini nk’uko bimenyeshwa n’umuvugizi w’ishirahamwe HCR, ikaba inagoye gutuza, uravye ukwo ibirwanisho binyagara mu banyagihugu, ivyo akabivuga yishimikije ibitigiri vya Croix-Rouge muri ico gihugu.

Gushika ubu abantu bagera ku 159.0000 nibo bamaze guta izabo ku murwa mukuru honyene mu gisagara Bangui. Abasirikare b’abarundi bafashanije n’izindi nteko mvamakungu, bakaba biteguriye kwaka ibirwanisho ku nguvu intagondwa ziri mu mirwi itandukanye ihungabanya umutekano mu gihugu ca Centrafrika, n’ukwakira ibirwanisho bizotangwa kubushake bwabo n’abanyagihugu. Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho muri Centrafrika, bakaba bavuga ko kubera itungwa ry’ibirwanisho rikoreshwa mu mabi atandukanye, abasiramu 27 aribo bishwe n’umurwi w’abarwanyi biyitirira abakristu mu karere ka Bouar, ku murango wo ku wa kane.

Icegera c’umukuru w’igihugu mfatakibanza Nicolas Tiangaye, akaba asaba abanyagihugu ko bohagarika ibikorwa vyo guhohoteranira, imirwi yose itunze ibirwanisho itabifitiye uruhusha igasabwa kubitanga kubushake bwabo, canke hagakoreshwa inguvu ku bazonana. Mu kiganiro yahaye imboneshakure France 24, Nicolas Tiangaye yizera ko ibintu bizogenda neza, naho muri iyi minsi ibintu bisa naho bitoroshe uhereye ku murwa mukuru Bangui gushika hafi mu gihugu cose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.