Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Ikigandaro c’iminsi itatu mu gihugu cose catanguye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Ikigandaro c’iminsi itatu mu gihugu cose catanguye

Centrafrika : Ikigandaro c’iminsi itatu mu gihugu cose catanguye

jeudi 10 Mukakaro 2014

Umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza wa Centrafrika, Catherine Panza Samba yiyamirije yivuye inyuma ibikorwa vy’ubwicanyi bunyamaswa bibandanya mu gihugu ciwe, akaba yaciye afata itegeko ko hoba ikigandaro c’iminsi zitatu, guhera kuri uwu wa kane, kugira bibuke abacitse kw’icumu mu gitero cabereye i Bambari.

Umukuru w’igihugu ca Centrafrike, Catherine Panza, yashinze itegeko ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 9 Mukakaro, ko hobaho ikigandaro c’igihugu cose, mu kwibuka abanyacentrafrika bishwe kuwa 7 Mukakaro 2014 i Bambari. Ibendera ry’igihugu ca Centrafrika riza kuduzwa gushika hagati, nk’uko itangazo riva mu biro vy’umukuru w’igihugu ribimenyesha.

Umukuru w’igihugu ca Centrafrika ariyamiriza yivuye inyuma kandi ibikorwa vy’ububisha bimaze iminsi biba mu gihugu, aho abantu 26 harimwo abakenyezi 11 bishwe hamwe na 35 bakomeretse ku munsi wa mbere, ahari hakoraniye ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu bahungiye i Bambari, kw’sengero ry’abakatolika "Saint Joseph.

Nk’uko amakuru ava mu ngabo za MISCA abimenyesha, abo bantu batewe n’abantu bitwaje ibirwanisho bambaye impuzu zimwe bita ama boubou hamwe n’imyambaro ya gisirikare isa, abanyagihugu bakaba biyumvira ko boba ari abarwanyi ba Séléka.

Tubamenyeshe ko umukuru w’igihugu ca Centrafrika yari yateye akamo amakungu kugira avire hasi izo nkozi z’ikibi zanka amahoro zikipfuza kuguma mu ntumbero mbi yo guhohotera kiremwa muntu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.