Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika: "Inteko z’Ubufaransa ntizaje gusenyura intwaro ya Michel (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika: "Inteko z’Ubufaransa ntizaje gusenyura intwaro ya Michel (...)

Centrafrika: "Inteko z’Ubufaransa ntizaje gusenyura intwaro ya Michel Djotodia"

lundi 9 Kigarama 2013

Inyuma y’iminsi ine irenga, mu gihugu ca Centrafrika harangwa imishamirano n’imigumuko, Michel Djotodia, umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza yahamagariye abayoboke biwe gusubira mu birindiro vyabo hatarafatwa ingingo.

Mw’itangazo yasomye ku muhingamo wo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 8 Kigarama, eka ndetse no mu kiganiro yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, mw’ikambi rya Roux, Michel Djotodia yahamagariye ubwa mbere abayoboke biwe gusubira ku birindiro vyabo kuva kuri uno wa mbere igenekerezo rya 9 Kigarama. Muri iryo tangazo avuga ati: “Tureke igisirikare c’ishirahamwe mpuzamakungu MISCA, igipolisi, abajandarume, n’igisirikare c’abafaransa kigume mu mabarabara gicungere Bangui”.

Djotodia akavuga ko abazosubira mu birindiro vyabo batazokwakwa ibirwanisho, mu gihe abazokwanka kwitabira akamo katewe ko gusubira mu birindiro vyabo bazovyakwa ku nguvu. Muri ico kiganiro, yari yahaye abanditsi n’abamenyeshakuru, Djotodia umukuru w’igihugu ca Centrafrika yaranagize ico avuze ku bijanye n’ivyashikirijwe na Francois Hollande, umukuru w’igihu c’Ubufaransa mu kiganiro yari yahaye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 7 Kigarama, iradiyo y’abafaransa RFI n’imboneshakure TV5 Monde.

Aho mukamenya ko mu vyashikirijwe na Francois Hollande, ku bijanye n’inama y’umutekano n’amahoro muri Afrika iheruka kubera ku kirimba iwe, yari yamenyesheje ko badashobora kurekera ikibanza umukuru w’igihugu ataco yigeze akora canke ngo agira ico akoze.

Ku bibazo kivurwa ko inteko z’igisirikare z’Ubufaransa ziri mu gihugu ca Centrafrika zoba zaje gusenyura intwaro mfata kibanza irongowe na Michel Djotodie, Michel amenyesha ko yahawe insiguro n’abetegetsi b’abafaransa. Abo bategetsi b’Ubufaransa bavuga ko bataje guhindura ubutegetsi bwa Centrafrika, ariko ko busaba gusa ko hoba intwaro mfatakibanza y’ikiringo gito iteguwe guhera mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’i 2015.

Mw’itangazo yisomeye, Michel Djotodia asaba amashirahamwe mpuzamakungu ya ONU kugira amatohoza ku vyoba vyahononekareye no guhana abagirizwa guhungabanya umutekano. Aho mukamenya ko abasirikare b’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Centrafrika, Francois Bozize badomwako urutoke kuba bari mu bahungabanije umutekano i Bangui, ku murwa mukuru wa Centrafrika.

Michel Djotodia yahamagariye abanyagihugu kuguma batekanye kuko abagirizwa guhungabanya umutekano bagiye kuhanwa vy’akarorero.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.