Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Intureka zabujije ko imfashanyo zishikira abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Intureka zabujije ko imfashanyo zishikira abanyagihugu

Centrafrika : Intureka zabujije ko imfashanyo zishikira abanyagihugu

samedi 8 Ntwarante 2014

Mu gihugu ca Centrafrika, intureka zongerekanye, na cane cane mu buraruko bw’ico gihugu. Izo ntureka zikaba zatumye abanyagihugu bataronka ikibafasha, ku buryo n’ababazanira imfashanyo bataronka aho baca, nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF (Médécins Sans Frontières).

Umutekano uracameze nabi mu gihugu ca Centrafrika, ku murwa mukuru Bangui, ku buryo n’amashirahamwe ashaka gushikanayo imfashanyo babura aho bazicisha, nk’uko biri mw’itangazo ryashikirijwe n’ishirahamwe MSF ry’abaganga batagira imbibe.
Mw’ishirahamwe MSF bavuga ko abakozi baryo basanzwe bakorera mu duce twa Boguila, Kabo, Ndele, hamwe n’ikambi M’Poko isanzwe iri mu kibuga c’indege caho mu gisagara ca Bangui barasahurwa iyo bahuye n’abo bagizi ba nabi. Ku bitaro, aho basanzwe bakorera, abo bakozi barakunze guhura n’ingorane y’umutekano muke. Ubu rero bamenyesha ko babuze n’ingene bashikiriza imfashanyo abo abanyagihugu basanzwe bafasha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.