Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Intwaro mfatakibanza yongerejwe ikiringo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Intwaro mfatakibanza yongerejwe ikiringo

Centrafrika : Intwaro mfatakibanza yongerejwe ikiringo

lundi 5 Nzero 2015

Umukuru w’igihugu Denis Sassou Nguesso, asanzwe ari umuhuza mu gihugu ca Centrafrika, yemeye ko intwaro mfatakibanza yokwongerezwa ikiringo muri ico gihugu, aho ni mu gihe vyari bitegekanijwe ko ikiringo mfatakibanza kizorangira mu kwezi kwa Ruhuhuma.

Mu gihe intwaro mfatakibanza mu gihugu ca Centrafrika yategerezwa kurangira mu kwezi kwa Ruhuhuma uno mwaka w’2015, bahisemwo kwongerezako amezi atandatu. Umukuru w’igihugu ca Congo Denis Sassou Nguesso, asanzwe ari nawe muhuza mu ntambara yagiye iba, akaba yabimenyesheje abategetsi b’ico gihugu mw’ikete yabandikiye ryo kuwa 22 Kigarama umwaka urangiye w’2014.

Muri iryo kete ryandikiwe Catherine Samba Panza asanzwe ari umukuru w’igihugu mfatakibanza, Mahamat Kamoun asanzwe ari umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu hamwe na Alexandre N’Guendet umukuru w’inama nkuru y’intwaro mfatakibanza, umukuru w’igihugu ca Congo amenyesha ko kubera ko amatora vyaragaragaye ko atagishobotse kuba mu kwezi kwa Ruhuhuma, bahisemwo gufata ingingo bakongereza ico kiringo c’intwaro mfatakibanza, gushika mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’2015.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.