Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika: Inyubakwa y’umukuru w’igihugu yasahuwe urukombamazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika: Inyubakwa y’umukuru w’igihugu yasahuwe urukombamazi

Centrafrika: Inyubakwa y’umukuru w’igihugu yasahuwe urukombamazi

jeudi 5 Kigarama 2013

Umutekano wahungabanye bidasanzwe mu gisagara Bangui bivuye kugutana mu mitwe kw’abasirikare n’abahoze bari mu kiroberi. Abasirikare mvamakungu bakaba nabo batasigaye inyuma mu kwivuna mu gukwiragira mu mabarabara kugira bakingire abanyamahanga bari muri ico gihugu.

Abasirikare badashigikiye Balakas bari kumwe n’abayoboke b’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Centrafrika, Francois Bozize kaba aribo bari bugarije igisagara ca Bangui bafise ibirwanisho bidasanzwe. Aho mbere, bakaba baciye batangura gutana mu mitwe, abandi basahura, ibitari bike birahononekarira.

Kuva isaha 12 zo mu gitondo kuri uyu wa kane, hakaba hazindutse haravuga amasase, mu mabarabara naho ata n’inyoni ziharangwa. Abasirikare bahoze bari mu kiroberi bikaba vyaboneka ko aribo basubiye kwihariza intambara, mu gihe abasirikare bashika 250 bava mu gihugu c’Ubufaransa bari barungitswe mu mabarabara y’igisagara ca Bangui. Inyuma y’imishamirano, hakaba haciye haduka naho ugusahura ibintu mu mazu, aho mbere n’inyubakwa ya Michel Djotodia, umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza hamwe na Nicolas Tiangaye vyasahuwe urukombamazi. Abantu batari bake baciye bahungira mw’isengero yitiriwe Bernarudo Mweranda.

Nk’uko amakuru ava i Bangui abivuga, abagera ku 23 nibo bamaze kuhasiga agatwe n’abarenga kuri 64 bakomeretse. Abariko barafasha gutabara imbabare mu bitaro, bakavuga ko igitigiri c’abakomereka gishobora kwiyongera ku bw’imishamirano yaciye yaduka mu makaratiye y’aba Islam. Ubu igisirikare c’Ubufaransa kikaba kiriko kirakura abanyaburaya babo mu makaratiye ya Bangui.

Mwomenya ko umushikiranganji wa mbere wa Centrafrika, Nicolas Tiangaye yasavye igihugu c’Ubufaransa ko conyaragasa mu maguru masha gutabara inyuma y’amatora y’ishirahamwe mpuzamkungu ONU ariko araba yo kugarukana umutekano.

Francois Bozize yahoze arongoye Centrafrika kuva mu 2003-2013
Michel Djotodia umukuru w’igihugu vy'imfatakibanza

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.